Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Iran ivuga ko bidashoboka gufungura umuhora wa Hormuz mu gihe kuzibira kw'Amerika gukomeje

Intumwa nkuru ya Iran mu biganiro yatangaje ubwo butumwa bwayo ivuga ko Iran yafashe amato abiri atwara imizigo mu muhora wa Hormuz.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Ni nde ufite ubutegetsi muri Iran?

    Iri ni isesengura rya Ghoncheh Habibiazad umwe mu banyamakuru ba BBC Persian, ishami ry'igiperse -ku miterere iriho y’ubutegetsi bwa Iran n’aho ubutegetsi mu by’ukuri buherereye.

    Umutegetsi w’ikirenga wa Iran, Mojtaba Khamenei, bizwi ko ari we ugira ijambo rya nyuma ku bintu bikomeye. Ariko ntaraboneka mu ruhame cyangwa muri video ya vuba cyangwa mu mafoto kuva yajya ku butegetsi mu ntangiriro za Werurwe(3).

    Umwe mu bategetsi bakuru muri leta ya Iran yavuze ko abajya mu biganiro bagendera “ku murongo” wa Khamenei. Khamanei ntabwo aravuga kuri ibi biganiro, nubwo ubutumwa buheruka bwamwitiriwe bwaneguye Amerika.

    Itsinda riserukira Iran mu biganiro ririmo Mohammad Bagher Ghalibaf ukuriye Inteko ishinga amategeko na Minisitiri w’ububanyi n’amahanga Abbas Araghchi, bisa n’aho ryagize imbaraga zigaragara mu butegetsi muri ibi byumweru bishize.

    Ghalibaf afitanye umubano muremure n'ijambo mu mutwe w’ingabo wa Islamic Revolutionary Guard Corps (IRGC).

    Imbaraga za IRGC zirenze kure inshingano z’igisirikare gisanzwe, by’umwihariko mu gihe cy’intambara.

    Nubwo IRGC yapfushije benshi mu bakuru bayo, iracyakora nk’izindi mbaraga iruhande rw’ubutegetsi bwa leta ikuriwe na Perezida Masoud Pezeshkian.

    Masoud yakomeje gusohora amatangazo, ariko hari ikibazo cy’uko ingufu ze mu butegetsi zingana mu by’ukuri.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Amerika yahagaritse ubwato butatu bw'igitoro bwa Iran mu mazi yo muri Aziya, ni ko amakuru avuga

    Itororokanirizo ry'amakuru Reuters rivuga ko Amerika yafashe n'imiburiburi ubwato butatu bw'ibitoro bufise ibendera rya Irani mu mazi yo muri Aziya, nk’uko amakuru ava ku bantu bakurikirana ivy’ugutwara ibintu mu biyaga n’abo mu nzego z'umutekano abivuga.

    Ubwo bwato bwahinduriwe inzira aho bwari hafi y’Ubuhindi, Malaysia na Sri Lanka, mu gihe Washington irimo gukomeza gukaza ibihano vyo mu mazi kuri Iran.

    Ibi bibaye inyuma y'amezi hafi abiri intambara hagati ya Amerika, Israel na Iran itanguye, n’aho hari agahengwe kadafashe.

    Uguhagarikwa kw’uruja n'uruza rw'ibitoro biciye mu muhora wa Hormuz, inzira icamwo hafi kimwe ca gatanu c’igitoro kw’isi, bikomeje guteza ikibazo gikomeye mu bijanye n’igitoro ku rwego rw’isi.

    Mu bwato bwafashwe, harimwo "Dorena," bivugwa ko butwaye utugunguru imiriyoni zibiri tw'ibitoro, hamwe na "Sevin," itwara utugunguru imiriyoni imwe tw'ibitoro ariko yari irimwo ibishika 65% bw'ivyo. Ubundi bwato, "Deep Sea" supertanker, bwari burimo ibitoro igice, na bwo nyene bwahagaritswe inyuma y'aho bukurikiranwe hafi ya Malaysia.

    Reuters yatangaje ko igisirikare ca Amerika kitashotse gisubiza ku busabe bwo kuvuga kw'ifatwa ry'ubwo bwato butatu.

    Ibiro bikuru vya gisirikare muri Amerika vyatangaje ku rubuga X ku wa gatatu ko gushika ubu ingabo za Amerika zimaze kwima inzira ubwato 29 buva canke buja ku bivuko vya Iran.

    Hagati aho, Iran ivuga ko yafashe ubwato bubiri butwara imizigo mu kigobe, vyongereza impungenge z’ukwiyongera kw’umwuka mubi mu nzira zikomeye z’ubucuruzi bwo mu mazi.

    Izindi nkuru wosoma :

  3. Umugore wo muri Colombia uri mu bo Amerika yohereje muri DR Congo ‘ari ku gitutu’ cyo gusubizwa iwabo aho yahunze

    Umugore wo muri Colombia uri mu itsinda riherutse kwirukanwa na Amerika rikoherezwa muri DR Congo yabwiye ibiro ntaramakuru Reuters ko ari ku gitutu cyo ko gusubizwa mu gihugu cye yahunze mu gihe ashobora kugirirwa nabi agezeyo.

    Uwo mugore w’imyaka 29 utifuje gutangazwa amazina kubera ko atinya kuba yarebwa nabi n’abategetsi muri Congo na Colombia, ari muri 15 bakomoka muri Colombia, Peru na Ecuador baherutse koherezwa i Kinshasa muri DR Congo.

    Uyu avuga ko kuva bagera muri Congo nta yandi mahitamo bahabwa uretse gusubira mu bihugu byabo.

    Ubutegetsi bwa Trump bwumvikanye na bimwe mu bihugu bya Afurika birimo Ghana, Eswatini, Sudani y’Epfo, Uganda, u Rwanda na DR Congo ku koherezayo abimukira icyo gihugu kitifuza ku butaka bwacyo.

    Uwo mugore yabwiye Reuters ati: “Turi ku gitutu cyo kwemera gusubira mu gihugu cyacu, batitaye ku bibazo tuhafite”.

    Yahunze Colombia mu 2024 nyuma yo gushimutwa no gukorerwa iyicarubozo n’inyeshyamba za FARC, no kugirirwa nabi n’umugabo we w’umupolisi mbere yo guhungira muri Amerika, nk’uko biri mu nyandiko ye isaba Amerika ubuhungiro Reuters ivuga ko yabonye.

    Umwaka ushize, umucamanza muri Amerika yanzuye ko hari ibyago byo kugirirwa nabi aramutse yoherejwe iwabo muri Colombia, nk’uko Reuters ibivuga.

    Kuba Amerika irimo kohereza abantu mu bihugu bitari iwabo byo muriAfurika byamaganwe n’imiryango myinshi iharanira uburenganzira bwa muntu ivuga ko bitarimo ubumuntu kandi bitemewe n’amategeko.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Ndayishimiye yahinduye uwujejwe ibikoresho vya gisirikare inyuma y'ibisasu vyaturikiye mw'ikambi i Bujumbura

    Prezida Evariste Ndayishimiye yahinduye bamwe bamwe mu bategetsi bakomeye mu burongozi bw’igisirikare c’Uburundi, cane cane mu gushiraho umusirikare mushasha ajejwe ivy’ibikoresho ku rwego rw’igihugu.

    Colonel Thierry Kabura yagizwe uwujejwe ibikoresho vy’igisirikare c’Uburundi, Colonel Gordien Kazindu yagizwe uwujejwe amakuru n’itumatumanako mu gisirikare. Ndayishimiye kandi yahinduye abarongoye uturere twa kabiri na kane twa gisirikare, tw'ingabo zirwanira ku butaka.

    Izi mpinduka zikurikira uguturika kwabaye mw’ijoro ryo ku wa 31 Ntwarante(3) mw’ikambi yitwa “Camp Base” iri ku Musaga mu gisagara ca Bujumbura, ibintu vyateye impungenge zikomeye ku kuntu ibikoresho vya gisirikare bibikwa, bicungwa kandi bikingirwa.

    Muri iryo joro, urukurikirane rw’uguturika gukomeye rwarumvikanye i Bujumbura amasaha atari make. Bamwe mu banyagihugu bavuze ko babonye umuriro mwinshi, umwotsi mwinshi n’ibice vy’ibisasu vyaguye kure ku birometero bitari bike, bikonona amazu kandi bigatuma imiryango imwe imwe ihunga.

    Iyo kambi – izwi ko ibikwamwo ibigwanisho, igitoro n’ibindi bikoresho vya gisirikare – iri hagati mu makaritiye abamwo abantu benshi, ivyo bikaba vyongereje uburemere bw’ivyononekaye, bituma n’abanyagihugu bagira ubwoba.

    Inyuma y’ivyabaye, umuvugizi w’igisirikare yavuze ko vyatewe n’ikibazo c’umuyagankuba mu bubiko bw’ibigwanisho.

    Ariko mu kiganiro giheruka guhabwa ikinyamakuru Yaga, Perezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko ata muyagankuba uba uri mu bubiko bw’ibikoresho vya gisirikare, ivyo bikaba bitera kwibaza ku nsiguro yari yatanzwe mu ntango.

    Iryo tegeko rishasha ryerekana ko hari intumbero yo gukaza cane ugucunga ivy’ibikoresho vya gisirikare.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. 'Intambara ya Iran itangiye guca intege Uburayi' - Perezida wa Turkiya

    Perezida Recep Tayyip Erdoğan wa Turkiya yavuze ko intambara iri muri Iran itangiye “guca intege Uburayi” mu kiganiro yagiranye kuri telefoni na Perezida w’Ubudage Frank-Walter Steinmeier.

    Mu butumwa bwashyizwe ku mbuga nkoranyambaga n’ibiro bya Erdoğan, havuzwe ko aba bategetsi bombi ku wa Gatatu baganiriye kuri telefoni ku mubano w’ibihugu byabo no ku ntambara zikomeje muri Iran no muri Ukraine.

    Ubu butumwa bwavugaga buti: “Perezida Erdoğan yavuze ko intambara iri mu karere kacu itangiye no guca intege Uburayi, kandi ko niba iki cyerekezo kidahagaritswe hakoreshejwe inzira iganisha ku mahoro, ingaruka mbi z’ibi bihe by’intambara ziziyongera cyane”.

    Kugeza ubu nubwo Amerika yatangaje kongera igihe cy'agahenge umwuka uracyari mubi hagati ya Amerika na Iran, umuhora wa Hormuz uracyafunze kandi icyizere cy'ibiganiro by'amahoro by'impande zombi kigenda kiba gicye.

    Kimwe n'ahandi ku isi Uburayi bushegeshwe n'izamuka ry'ibiciro by'ibitoro bigira ingaruka ku izamuka ry'ibiciro by'ibindi byangombwa nkenerwa.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Umunyamabanga ushinzwe ingabo z'Amerika zirwanira mu mazi yavanywe ku mwanya we 'aka kanya' – Pentagon

    Ibiro bikuru by’ingabo z’Amerika (Pentagon) byatangaje ku wa gatatu ko John Phelan, umunyamabanga ushinzwe ingabo zirwanira mu mazi, avuye ku mwanya we.

    Itangazo ry'umuvugizi wa Pentagon Sean Parnell rivuga ko igenda rya Phelan “ni irya aka kanya”.

    Iryo tangazo ryo ku rubuga nkoranyambaga X ntirivuga impamvu avuye kuri uwo mwanya. Rimushimira imirimo yakoze, rikanamwifuriza amahirwe mu bindi azakora.

    Ikinyamakuru The New York Times cyatangaje ko Phelan yirukanwe nyuma y'amezi yari ashize hari amakirimbirane no kutavuga rumwe hagati ye n'abategetsi bo hejuru muri Pentagon ku buryo bwo kuzahura gahunda irimo kugorwa yo kubaka amato y'intambara.

    Umunyamabanga ushinzwe ingabo zirwanira mu mazi agenzura abasirikare b’Amerika bagera hafi kuri miliyoni imwe, barimo abo mu ishami ry’ingabo zirwanira mu mazi n’abo mu mutwe w’abarwanira icyarimwe ku butaka, mu mazi no mu kirere bitwa aba ‘marines’, hamwe n’abakozi b’abasivile.

    Igenda rye ribaye mu gihe Amerika irimo gushyira mu ngiro izibira ry’amato kuri Irani mu muhora wa Hormuz.

    Phelan ni umutegetsi wa kabiri wo ku rwego rwo hejuru mu ngabo z’Amerika uvuye ku mwanya we muri uku kwezi.

    Mu ntangiriro y’uku kwezi kwa kane, Minisitiri w’ingabo w’Amerika Pete Hegseth yasabye umugaba mukuru w’ingabo z’Amerika Randy George kuva ku mwanya we.

    John Phelan yari ari kuri uwo mwanya kuva muri Werurwe (3) mu 2025. Itangazo ry'umuvugizi wa Pentagon rivuga ko abaye asimbuwe by'agateganyo n'uwari umwungirije Hung Cao.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Lamine Yamal yivunnye ubwo yatsindaga penaliti yahaye intsinzi Barca

    Lamine Yamal yivunnye ubwo yatsindaga penaliti yahesheje Barcelona intsinzi igoranye ku ikipe ya Celta Vigo, bituma iyi kipe ikomeza gusatira gutwara igikombe cya La Liga.

    Uyu musore w’imyaka 18 yatsinze penaliti ku munota wa 40 kuri Stade ya Nou Camp, nyuma yo kwinjira neza mu rubuga rw’amahina maze agahutazwa na Yoel Lago.

    Ariko ako kanya amaze gutsinda igitego atsinze umunyezamu wa Celta, Ionut Radu, Lamine Yamal yahise yereka abo ku ntebe y’abasimbura ko ababaye, ahita agwa hasi afashe inyama y’inyuma y’akaguru k’ibumoso (hamstring).

    Yasohowe mu kibuga agenda buhoro afashijwe n’abaganga b’ikipe, ahita yerekeza mu rwambariro, asimburwa na Roony Bardghji.

    Iyi ntsinzi yatumye Barcelona, ifite igikombe cya La Liga giheruka, isigaje imikino itandatu, irushaho kwegera kongera kwegukana igikombe.

    Lamine Yamal, umaze gutsinda ibitego 16 no gutanga imipira 11 yavuyemo ibindi bitego muri La Liga uyu mwaka, yanahawe igihembo cy’umukinnyi ukiri muto mwiza muri Euro 2024 ubwo Espagne yatwaraga igikombe.

    Izindi nkuru wasoma:

  8. Guverineri wa Kivu y’Epfo arasabirwa kwirukanwa ashinjwa kunyereza imari

    Abadepite mu nteko ishingamategeko y’intara ya Kivu y’Epfo ya DR Congo batanze ubusabe bwo gukuraho icyizere no kuvana ku butegetsi Jean Jacques Purusi ukuri iyi ntara bamushinja kuba adashoboye gutegeka, kunyereza umutungo wa leta, no guha ishingiro umutwe wa M23, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru muri Congo.

    Intara ya Kivu y’Epfo imaze umwaka urenga irimo intambara hagati y’ingabo za leta n’umutwe wa AFC/M23 ugenzura ibige cy’iyi ntara n’umujyi wa Bukavu wahoze ari umurwa mukuru w’iyi ntara. Ubutegetsi bwa leta muri iyi ntara bwimukiye mu mujyi wa Uvira.

    Purusi ntacyo aravuga ku birego ashinjwa n’abo badepite bifuza ko akurwaho icyizere. BBC yamusabye kugira icyo abivugaho. Mbere yumvikanye kenshi yamagana umutwe wa M23.

    Ibinyamakuru muri Congo bivuga ko inyandiko isaba ko Purusi akurwaho icyizere yashyizweho umukono n’abadepite 19 bakuriwe na Jean Kalume Bahige uhagarariye teritwari ya Mwenga.

    Intara akuriye igice kinini cyacyo kiracyagenzurwa n’ubutegetsi bwa leta mu gihe ibice bya teritwari za Kalehe, Kabare, ikirwa cya Idjwi n'ibice bya Walungu bigenzurwa n'inyeshyamba za M23.

    Ibice bya teritwari ya Fizi nka Minembwe na Mikenke mu mezi ashize byakomeje kuba isibaniro ry’imirwano n’ibitero by’indege za ‘drones’ mu gihe ingabo za leta zishaka kwisubiza agace ka Minembwe kagenzurwa n’abarwanyi ba Twirwaneho bakorana na M23.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Reta ya Zambia yigaruriye ikiziga c'uwahoze ari umukuru w'igihugu mu mpari zo kumugarukana mu gihugu

    Reta ya Zambia yatangaje ko yafashe ikiziga c'uwahoze ari umukuru w'igihugu Edgar Lungu, yapfiriye muri Afrika y'Epfo mu mezi 10 aheze, n’aho umuryango wiwe utavyipfuza.

    Ibi ni igice gishasha c’ukutumvikana ku bijanye n’ivyo ico kiziga cokorerwa, inyuma y’ukutumvikana kuva kera hagati ya Lungu n’uwamusubiriye ku butegetsi, Perezida Hakainde Hichilema.

    Reta ivuga ko kubera ko Edgar Lungu yari yarigeze kuba umukuru w’igihugu, akwiye guhabwa icubahiro c’igihugu no guhambwa hamwe n’abandi bakuru b’igihugu mu kibanza cabigenewe kiri i Lusaka, umurwa mukuru wa Zambia.

    Ariko umuryango wa Lungu wo wipfuza ko yohambwa mu buryo bw’umuryango gusa, inyuma y’uko ibiganiro wari ufitanye na reta ku bijanye n’ugutegura amaziko vyarangiye ata mwumvikano bashitseko.

    Ariko mu kwezi kw'umunani mu mwaka uheze, sentare yo muri Afrika y'Epfo yafashe ingingo ivuga ko reta ya Zambia ishobora gusubiza ikiziga mu gihugu ciwe.

    Naho umuryango wiwe waciye wunguruza kuri iyo ngingo, ico kiziga cazanywe inyuma y’uko uwo muryango “unaniwe kubandanya urubanza rwawo” muri sentare y’iyungururizo, nk’uko vyatangajwe n'umushikirizamanza mukuru wa Zambia, Mulilo Kabesha.

    Mu kiganiro co ku wa gatatu ku mugoroba kuri shene ya YouTube yo muri Zambia, Makebi Zulu, umuvugizi w'umuryango wa Lungu, yahakanye ko igihe co kwunguruza carangiye, avuga ko inzira nyayo yakurikijwe.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Iran ivuga ko bidashoboka gufungura umuhora wa Hormuz mu gihe kuzibira kw’Amerika gukomeje

    Mohammad Bagher Ghalibaf, intumwa nkuru ya Iran mu biganiro n’Amerika, yavuze ko bidashoboka “kongera gufungura umuhora wa Hormuz hashingiwe ku kurenga ku gahenge kose kugaragara”.

    Yavuze ko uko kurenga ku gahenge kurimo n’izibira ry’amato rikorwa n’Amerika ku byambu bya Iran – avuga ko ibyo bingana n'"ishimutwa" ry’ubukungu bw’isi – ndetse no kuba gashozantambara bikorwa na Israel “ahantu hose”.

    Mu gisa nko gukomoza kuri Amerika na Israel, Ghalibaf yatangaje ku rubuga nkoranyambaga rwa X ko “ntibageze ku ntego zabo binyuze mu bushotoranyi bwa gisirikare, ntibazanazigeraho binyuze mu gukangata.

    “Inzira imwe ishoboka yo gukurikira ni ukwemera uburenganzira bw’Abanya-Irani.”

    Byibazwaga ko Ghalibaf yari kugirana ibiganiro na Visi Perezida w’Amerika JD Vance muri Pakistan muri iki cyumweru – ariko ntibiratangira.

    Mu ijoro ryo ku wa kabiri, Perezida w’Amerika Donald Trump yatangaje iyongerwa ry’agahenge hagati y’Amerika na Iran, kari kitezwe kurangira ku wa gatatu. Mu gitondo cyo ku wa gatatu, Iran yavuze ko “yafashe” amato abiri y’imizigo mu muhora wa Hormuz.

    Izindi nkuru wasoma:

  11. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.