Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Guturika gukomeye mu bubiko bw'ibikoresho vya gisirikare i Bujumbura
Hafi isaha imwe y'ijoro kuri uyu wa Kabiri mu gisagara ca Bujumbura muri zone Musaga hatanguye guturika gukomeye mw'ikambi ya gisirikare, bivugwa ko hari n'imihana imwe imwe ihegereye yoba yononekaye.
Gushika isaha zibiri n'inusu, umunyagihugu ari muri Kinanira 3, zone Musaga yabwiye BBC ati: "Bitera vyongerekana. Umuriro ni mwinshi, umwotsi ni mwinshi".
Inyuma y'amasaha hafi atatu, ibiturika vyatanguye gucureha humvikana kimwe kimwe.
General de Brigade Gaspard Baratuza, umuvugizi w'igisirikare c'Uburundi yabwiye BBC Gahuzamiryango ko "'depot' yagize ikibazo", mu kigo ca Camp 'Base'.
Mu butumwa bwanditse yagize ati: "Isanganya ikomeye y'umuyagankuba mu bubiko bw'ibigwanisho vy'ingabo, FDNB, muri iyo kambi iri muri zone Musaga".
Uku guturika kwabonetse kandi kukumvikana mu gihe c'umwanya utari muto kwateye uruhagarara n'ubwoba muri iki gisagara c'umugwa mukuru w'ubukungu w'Uburundi.
Abanyagihugu bamwe bamwe begereye 'Camp Base' bavuga ko inzu zabo zangiritse, kandi bamwe bamwe bavuye mu ngo zabo barahungira mu tundi duce tw'igisagara.
Mu itangazo, ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati n'umutekano bwasavye abari mu gisagara ca Bujumbura ngo "mutekane ntihagire ayandi masaganya mutera, biriko birakurikiranwa".
Uruhagarara rwatewe n'ivyabaye no guhunga kwa bamwe bamwe vyateye amasanganya mato mato mu mabarabara ya Bujubmura yegereye ako gace.
Hari ibisigarira vy'ivyaturitse vyaguye ku mazu yo muri Karitiye za Kinanira 3 na 4.
Ibisigarira vy'ivyaturitse bimwe vyashitse no muri zone Ngagara, Karitiye 9, ku birometero birenga bitanu nk'uko abahaba babivuga.
Gen Baratuza yavuze ko basaba "abanyagihugu kwirinda ibice bihegereye" mu gihe "inzego zibijejwe zirimwo gutabara".
'Camp Base' iri hafi cane y'ibohero rikuru rya Mpimba muri Bujumbura.
Iri hafi kandi y'imihana ituwe cane muri iki gisagara, ivyongereye ubwoba ko hari aboba bagize ikibazo.
Gushika ubu nta muntu aratangazwa ko yoba yapfuye canke ngo akomereke kubera iryo sanganya ryateye guturika n'umuriro ukomeye.
Ntiharamenyekana neza na neza ivyangiritse kubera iri sanganya.
Ni ibiki biri muri 'Camp Base'?
Guturika n'umuriro vyabandanije amasaha arenga abiri kuva bitanguye, vyerekanye ko iri ari isanganya rikomeye cane ryabaye kandi bitera kwibaza imvo yavyo.
Nta sanganya nk'iri riheruka kuba mu mateka ya vuba y'Uburundi.
Camp Base n'ikambi isanzwe ibikwamwo ibigwanisho n'ibindi bikoresho vya gisirikare harimwo n'ibifungurwa.
Mu bisanzwe, amabombe, mines, ama-grenades, ibisasu bininiya n'amasase matoya, iyo biri mu bubiko bigafatwa n'umuriro, biturika mu buryo bukomeye kandi bikarungika ibisigarira bishobora gushika kure.
Muri iyo kambi kandi hasanzwe hariyo na 'station' y'ibitoro inywesha imodoka z'igisirikare. Ibi na vyo bishobora kongereza umuriro no guturika bikomeye.
Gen Baratuza yabwiye BBC ko "inzego zibijejwe zirimwo gutabara".