IKIBIRIRAHO, Iran ivuga ko bidashoboka gufungura umuhora wa Hormuz mu gihe kuzibira kw'Amerika gukomeje

Intumwa nkuru ya Iran mu biganiro yatangaje ubwo butumwa bwayo ivuga ko Iran yafashe amato abiri atwara imizigo mu muhora wa Hormuz.

Incamake

Iran ivuga ko bidashoboka gufungura umuhora wa Hormuz mu gihe kuzibira kw'Amerika gukomeje

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana na Didier Bikorimana

  1. Guverineri wa Kivu y’Epfo arasabirwa kwirukanwa ashinjwa kunyereza imari

    Guverineri wa Kivu y'Epfo Jean Jacques Purusi

    Ahavuye isanamu, Gouvernorat Sud Kivu

    Insiguro y'isanamu, Guverineri wa Kivu y'Epfo Jean Jacques Purusi

    Abadepite mu nteko ishingamategeko y’intara ya Kivu y’Epfo ya DR Congo batanze ubusabe bwo gukuraho icyizere no kuvana ku butegetsi Jean Jacques Purusi ukuri iyi ntara bamushinja kuba adashoboye gutegeka, kunyereza umutungo wa leta, no guha ishingiro umutwe wa M23, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru muri Congo.

    Intara ya Kivu y’Epfo imaze umwaka urenga irimo intambara hagati y’ingabo za leta n’umutwe wa AFC/M23 ugenzura ibige cy’iyi ntara n’umujyi wa Bukavu wahoze ari umurwa mukuru w’iyi ntara. Ubutegetsi bwa leta muri iyi ntara bwimukiye mu mujyi wa Uvira.

    Purusi ntacyo aravuga ku birego ashinjwa n’abo badepite bifuza ko akurwaho icyizere. BBC yamusabye kugira icyo abivugaho. Mbere yumvikanye kenshi yamagana umutwe wa M23.

    Ibinyamakuru muri Congo bivuga ko inyandiko isaba ko Purusi akurwaho icyizere yashyizweho umukono n’abadepite 19 bakuriwe na Jean Kalume Bahige uhagarariye teritwari ya Mwenga.

    Intara akuriye igice kinini cyacyo kiracyagenzurwa n’ubutegetsi bwa leta mu gihe ibice bya teritwari za Kalehe, Kabare, ikirwa cya Idjwi n'ibice bya Walungu bigenzurwa n'inyeshyamba za M23.

    Ibice bya teritwari ya Fizi nka Minembwe na Mikenke mu mezi ashize byakomeje kuba isibaniro ry’imirwano n’ibitero by’indege za ‘drones’ mu gihe ingabo za leta zishaka kwisubiza agace ka Minembwe kagenzurwa n’abarwanyi ba Twirwaneho bakorana na M23.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Reta ya Zambia yigaruriye ikiziga c'uwahoze ari umukuru w'igihugu mu mpari zo kumugarukana mu gihugu

    Ifoto y'uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Zambia Edgar Lungu, yatwaye Zambia imyaka itandatu kuva mu 2015, yambaye ikoti ariko araraba muri 'camera'.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Edgar Lungu yatwaye Zambia imyaka itandatu kuva mu 2015

    Reta ya Zambia yatangaje ko yafashe ikiziga c'uwahoze ari umukuru w'igihugu Edgar Lungu, yapfiriye muri Afrika y'Epfo mu mezi 10 aheze, n’aho umuryango wiwe utavyipfuza.

    Ibi ni igice gishasha c’ukutumvikana ku bijanye n’ivyo ico kiziga cokorerwa, inyuma y’ukutumvikana kuva kera hagati ya Lungu n’uwamusubiriye ku butegetsi, Perezida Hakainde Hichilema.

    Reta ivuga ko kubera ko Edgar Lungu yari yarigeze kuba umukuru w’igihugu, akwiye guhabwa icubahiro c’igihugu no guhambwa hamwe n’abandi bakuru b’igihugu mu kibanza cabigenewe kiri i Lusaka, umurwa mukuru wa Zambia.

    Ariko umuryango wa Lungu wo wipfuza ko yohambwa mu buryo bw’umuryango gusa, inyuma y’uko ibiganiro wari ufitanye na reta ku bijanye n’ugutegura amaziko vyarangiye ata mwumvikano bashitseko.

    Ariko mu kwezi kw'umunani mu mwaka uheze, sentare yo muri Afrika y'Epfo yafashe ingingo ivuga ko reta ya Zambia ishobora gusubiza ikiziga mu gihugu ciwe.

    Naho umuryango wiwe waciye wunguruza kuri iyo ngingo, ico kiziga cazanywe inyuma y’uko uwo muryango “unaniwe kubandanya urubanza rwawo” muri sentare y’iyungururizo, nk’uko vyatangajwe n'umushikirizamanza mukuru wa Zambia, Mulilo Kabesha.

    Mu kiganiro co ku wa gatatu ku mugoroba kuri shene ya YouTube yo muri Zambia, Makebi Zulu, umuvugizi w'umuryango wa Lungu, yahakanye ko igihe co kwunguruza carangiye, avuga ko inzira nyayo yakurikijwe.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Iran ivuga ko bidashoboka gufungura umuhora wa Hormuz mu gihe kuzibira kw’Amerika gukomeje

    Ubwato bunini buri mu nyanja

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Mohammad Bagher Ghalibaf, intumwa nkuru ya Iran mu biganiro n’Amerika, yavuze ko bidashoboka “kongera gufungura umuhora wa Hormuz hashingiwe ku kurenga ku gahenge kose kugaragara”.

    Yavuze ko uko kurenga ku gahenge kurimo n’izibira ry’amato rikorwa n’Amerika ku byambu bya Iran – avuga ko ibyo bingana n'"ishimutwa" ry’ubukungu bw’isi – ndetse no kuba gashozantambara bikorwa na Israel “ahantu hose”.

    Mu gisa nko gukomoza kuri Amerika na Israel, Ghalibaf yatangaje ku rubuga nkoranyambaga rwa X ko “ntibageze ku ntego zabo binyuze mu bushotoranyi bwa gisirikare, ntibazanazigeraho binyuze mu gukangata.

    “Inzira imwe ishoboka yo gukurikira ni ukwemera uburenganzira bw’Abanya-Irani.”

    Byibazwaga ko Ghalibaf yari kugirana ibiganiro na Visi Perezida w’Amerika JD Vance muri Pakistan muri iki cyumweru – ariko ntibiratangira.

    Mu ijoro ryo ku wa kabiri, Perezida w’Amerika Donald Trump yatangaje iyongerwa ry’agahenge hagati y’Amerika na Iran, kari kitezwe kurangira ku wa gatatu. Mu gitondo cyo ku wa gatatu, Iran yavuze ko “yafashe” amato abiri y’imizigo mu muhora wa Hormuz.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.