Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo
Ubwato bw'intambara bwa Iran bwarashe ubwato bw'imizigo mu muhora wa Hormuz – bivugwa n'ikigo UKMTO
Ahavuye isanamu, Iranian Army
Insiguro y'isanamu, Ubwato bw'intambara bwa Iran (ifoto yo mu bubiko)
Ikigo c’Ubwongereza kijejwe
gukurikirana ibikorwa vy'ubudandaji bwo mu kiyaga (UK Maritime Trade Operations Centre –
UKMTO) kivuga ko gifise amakuru ko umutwe wo mu ngabo za Iran witwa Iranian Revolutionary Guard Corps (IRGC) warashe ubwato butwara imizigo mu muhora wa Hormuz.
UKMTO, itwarwa n’igisirikare c’Ubwongereza co mu mazi,
ivuga ko ico gikorwa cabereye ku birometero nka 27 mu buraruko bushira
ubuseruko bwa Oman.
Ahavuye isanamu, Ministère des Sports et Loisirs - RDC
Michel Kuka
wamenyekanye cyane nka Lumumba Vea kubera uburyo akoresha mu gufana ikipe y’igihugu
ya DR Congo yatangaje ko avuye muri politike nyuma y’iminsi micye yinjiye muri
rimwe mu mashyaka yo mu gihugu cye.
Mu mpera z’icyumweru
gishize ishyaka Autre Vision du Congo (AVC) rya Minisitiri w’imikino Didier
Budimbu ryatangaje amashusho yerekana Lumumba Vea yambaye ibirango by’iri
shyaka, rivuga ko yaryinjiyemo ku mugaragaro.
Abanyecongo
bahise bamagana ibi ari benshi.
Ku mbuga
nkoranyambaga, ku bibuga by’imikino n’ahahurira abantu hatandukanye, bamaganye
icyo cyemezo bavuga ko Kuka amaze kuba ‘ikirango’ cyo gushyigikira ikipe y’igihugu
bityo adakwiye gufata uruhande, nk’uko ibinyamakuru muri DR Congo bibivuga.
Mu kiganiro
yahaye televiziyo France24, Michel Kuka yatangaje ko “ku bw’ubusabe bwa rubanda”
avuye muri politike, kandi abikoze kuko ari “uburenganzira” bwe.
Minisitiri
Budimbu na we yatangaje ko yifuza ko Kuka “agumana umwanya utabogamye kandi ntabe
muri politike”.
Michel Kuka
yamamaye cyane mu gikombe cya Afurika giheruka aho yashoboraga guhagarara iminota
yose y’umukino azamuye akaboko mu ishusho y’intwari y’ubwigenge bwa DR Congo
Patrice Emery Lumumba.
Nyuma y’iki
gikombe cya Afurika yabaye icyamamare mu gihugu cye kandi leta yamuhembye
ibihembo bitandukanye birimo n’imodoka.
Kuva kwe
muri politike ku gitutu cya rubanda, ntabwo byasize amahoro Magloire Kasongo umunyamabanga
w’ishyaka AVC kuko yatangaje ku mbuga nkoranyambaga ko yahise yegura kuri uwo
mwanya we.
Nigeria yamenyesheje ko habonetse umurwayi mushasha wa
COVID-19 mu ntara iri mu bumanuko yitwa Cross River, nk’uko abategetsi babivuga,
bikaba bihagaritse igihe iyo ntara yari imaze ata wanduye amenyekanye kuva mu
2022.
Uwo murwayi ni umushinwa akorera ishirahamwe ryo muri ico
gihugu, nk’uko ibinyamakuru vyo muri ako karere bibivuga, vyifashishije
ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu muri iyo ntara, Dr Henry
Ayuk.
Yavuze ko uwo muntu yageze muri Nigeria avuye mu Bushinwa
kw’igenekerezo rya 17 Ntwarante(3), hanyuma aza kurwara, aca ajanwa kuvurirwa
ku bitaro vya Leta, mu nyuma yimurirwa ku bitaro vya kaminuza ya Calabar, aho
ibipimo vyemeje ko yanduye COVID-19.
Abategetsi b’iyo ntara bavuze ko ubuzima bw’uwo murwayi
bumeze neza kandi buriko buratera imbere, bongera bashimangira ko amategeko
yose y’ubuvuzi yakurikijwe imbere yo kwemeza iyo ndwara.
Ikigo kijejwe gukinga no kurwanya indwara muri Nijeriya(NCDC)
na co nyene caremeje iyo nkuru.
Congeye kuvuga ko ata
kimenyetso kiraboneka c’ikwiragira ry’iyo ndwara ku bantu benshi, kandi ko
igikorwa co gukurikirana abo yahuye na bo, kugenzura indwara no gukingira
abandura catanguye ku bufatanye n’abajejwe amagara y’abantu mu ntara.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu OMS rivuga
ko Covid-19 ibandanya gukwiragira kw'isi yose, ariko muri rusangi ku rugero rwo
hasi.
Ibiharuro vya vuba vya OMS vyerekana ko umugera wa SARS-CoV-2 ukiri mucye kw'isi yose, n’aho hariho ukwiyongera rimwe na rimwe mu turere tumwe
tumwe, harimwo n’ibice vya Afrika, naho
indwara zikomeye n'impfu biri hasi cane y'ibipimo vyo mu gihe c'ikiza.
Abajejwe amagara y'abantu muri Nigeria bahamagarira
abanyagihugu kuguma batekanye, baguma bafise isuku no kuja kwivuza mu gihe
batamerewe neza, bashimangira ko n'ubwo COVID-19 imaze kuba ikibazo c'amagara
y'abantu, gupima hakiri kare no kwirinda biracari ingenzi mu gukinga iyo
ndwara.
Abajejwe amagara y'abantu muri Nigeria bahamagarira
abanyagihugu kuguma batekanye, bagume bafise isuku no kuja kwivuza mu gihe
batamerewe neza, bashimangira ko n'aho COVID-19 imaze kuba ikibazo c'amagara
y'abantu, kuyimenya kare no kuyikingira ari vyo bihambaye mu gukinga
ukwiyongera kwayo.
Rwanda: Leta yategetse ibigo byayo ko imodoka bigura ubu 30% zigomba kuba zikoresha amashanyarazi
Ahavuye isanamu, Reuters
Minisiteri y’Ibikorwa Remezo mu Rwanda yategetse ibigo byose bya Leta ko nibura 30% by’imodoka bigura zigomba kuba zikoresha amashanyarazi gusa.
Mu ibaruwa y'Umunyamabanga wa Leta muri iyo minisiteri igenewe ibyo bigo byose, avuga ko icyo cyemezo kigamije kwihutisha gahunda y’u Rwanda yo kwimukira ku buryo bwo gutwara abantu n’ibintu butangiza ibidukikije no kugabanya imyuka ihumanya ikirere.
Mu ibaruwa yo ku wa 14 Mata(4) isubirwamo n'ibinyamakuru mu Rwanda, Umunyamabanga wa Leta ushinzwe Ibikorwa Remezo, Jean de Dieu Uwihanganye, yasabye abashinzwe ingengo y’imari mu bigo bya Leta guhuza gahunda zo kugura imodoka na politiki y’igihugu yo kugura ibikoresho birambye.
Iri tegeko rije mu gihe ibiciro bby'ibitoro mu gihugu no mu karere bikomeje kuzamuka, ibyaratumye amafaranga leta ikoresha yiyongera.
Litiro imwe ya lisansi igeze ku mafaranga 2,938, imu gihe mu kwezi gushize yaguraga 1,989 Frw - ukuzamuka kutigeze kubaho mbere mu Rwanda.
Naho litiro imwe ya mazutu yavuye ku 1,948 Frw igera ku 2.205Frw.
Leta y'u Rwanda ifashe icyemezo cyo kongera imodoka zikoresha amashanyarazi igura mu gihe bene izi modoka zisanzwe zariyongereye cyane mu myaka ya vuba ku isoko ry'u Rwanda.
Kugeza mu mpera za 2024 imodoka nk'izo zari zimaze kurenga 7,000 mu gihugu nk'uko imibare ya leta icyo gihe yabyerekanaga. Bene izi modoka kandi zagabanyirijwe imisoro.
Zelensky yavuze ko kuba intumwa za Amerika zitagiye i Kyiv ari 'agasuzuguro'
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Intumwa ya Amerika Steve Witkoff (i buryo) imaze kuja i Moscow incuro umunani ariko ntiraja i Kyiv
Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko kubona intumwa za
Amerika Steve Witkoff na Jared Kushner zaragiye i Moscow ariko ntizijye i Kyiv ari "agasuzuguro".
Abo bagabo babiri baragendeye umurwa mukuru w'Uburusiya mu
mpera z'umwaka uheze, mu gihe ibiganiro vyo guhagarika intambara muri Ukraine
vyari biriko vyihuta, bongera barasubirayo mu kwa mbere.
Witkoff, amaze kuja i Moscow incuro umunani, yarahuye kenshi
na Prezida Vladimir Putin.
Ariko we na
Kushner ntibarigera baja i Kyiv nk’abategetsi bo mu rwego rwa reta.
Mu kiganiro yagiranye n'ikinyamakuru co muri Ukraine, Zelensky yavuze ati: “Ni agasuzuguro kuja
i Moscow ntuze i Kyiv, ni agasuzuguro gusa.”
Yongeyeko ati: “Ndazi ko hari ingorane nyishi z’ivy’ugutembera…
Nimba badashaka kuza, dushobora guhurira mu bindi bihugu.”
Witkoff, yahoze ari umugwizatunga mu vy’inyubako, ni intumwa
idasanzwe ya Prezida Donald Trump, mu gihe Kushner ari umukwe w'uwo Prezida wa Amerika.
Mbere muri kuno kwezi kwa kane, Zelensky yavuze ko abo bagabo
babiri bategekanya kugendera Ukraine, ariko urwo rugendo ntirwigeze ruba kubera intambara ya Amerika-Israel na Iran.
Inama ya nyuma y'impande zitatu hagati y'Uburusiya, Amerika
na Ukraine yabaye hagati mu kwezi kwa kabiri.
Umusirikare wa Israel wabonetse akubita
inyundo ishusho ya Yezu muri Liban hamwe n’uwamufashe amashusho bahanishijwe
gufungwa iminsi 30, nk’uko byatangajwe n’igisirikare cya Israel.
Iki gisirikare cyavuze ko nyuma y’iperereza
abo basirikare babiri – batatangajwe amazina – “bakuwe mu nshingano z’urugamba”.
Abandi basirikare batandatu bari bari aho
byabereye ntibagire icyo babikoraho cyangwa ngo bavuge ibyabaye bazahanwa
ukwabo, nk’uko igisirikare cya Israel cyabivuze.
Uko kwibasira iyo shusho byabereye mu gace ka Debel mu
majyapfo ya Liban, ni ikintu cyamaganwe cyane nyuma y’uko amashusho yacyo akwiriye
ku mbuga muri iki cyumweru.
Minisitiri w’intebe wa Israel Benjamin
Netanyahu yavuze ko abisilaheli “benshi batunguwe kandi bababajwe” no kubona
ibyabaye.
Abatuye hariya bavuga ko iriya shusho yari
ku musaraba wayo imbere y’urugo rw’umuturage i Debel, kamwe mu duce ducye aho
abaturage batahunze muri iyi ntambara Israel ivuga ko irwanamo na Hezbollah.
Ahavuye isanamu, IDF
Insiguro y'isanamu, Igisirikare cya Israel kivuga ko abasirikare bacyo ku wa kabiri basimbuje iyo shusho yari yashenywe
Nyuma ya kiriya gikorwa, Padiri Fadi Flaifel ukuriye paruwasi ya Debel yabwiye BBC ko bamaganye “gusenya umusaraba, ibimenyetso bitagatifu byacu, n’ibindi birango by’idini byose”.
Yongeyeho ko ibintu nk’ibi atari ubwa mbere bibaye.
Israel yatangiye ibitero byayo muri Liban mu ntangiriro z’ukwezi gushize, abantu barenga miliyoni imwe bamaze guhunga naho abarenga 2,290 bamaze gupfa harimo abana 177 nk’uko abategetsi ba Liban babivuga.
Israel ivuga ko abasirikare bayo 13 bamaze gupfa naho abasivile babiri nabo bishwe n’ibitero bya Hezbollah muri icyo gihe.
Trump avuga ko azongera igihe cy'agahenge na Iran kugeza ibiganiro birangiye
Ahavuye isanamu, Bloomberg via Getty Images
Perezida w’Amerika Donald Trump avuga ko
azongera igihe cy’agahenge na Iran kugeza ibiganiro hagati y’ibihugu byombi
bikomeje.
Perezida w’Amerika avuga ko kuzibira kw’Amerika
kw’ibyambu bya Iran na ko kuzakomeza kugeza Iran igaragaje “icyifuzo gihuriweho”.
Mu butumwa yatangaje ku mbuga
nkoranyambaga, Trump yavuze ko yafashe icyo cyemezo cyo kongera agahenge ku busabe bw’abategetsi ba
Pakistan, iki gihugu kikaba ari umuhuza hagati y’ibihugu byombi.
Aho ibiganiro by’Amerika na Iran bihagaze
hari hakomeje kudasobanuka, mu gihe agahenge kariho muri iki gihe mbere kari
kitezwe kurangirana n’iki cyumweru.
Visi Perezida w’Amerika JD Vance ntiyahagurutse
muri Amerika yerekeza mu murwa mukuru Islamabad wa Pakistan nkuko byari byitezwe
ku wa kabiri, aguma i Washington, ndetse ibiro bya perezida w’Amerika – White
House – byamaze kubwira abanyamakuru ko atakigiyeyo.
Umuvugizi wa minisiteri y’ububanyi n’amahanga
ya Iran yabwiye BBC ko Iran na yo yari itarafata icyemezo cyo kohereza intumwa
muri Pakistan mu biganiro n’Amerika.
Intambara y’Amerika-Israel
na Iran yatangiye ku itariki ya 28 Gashyantare (2) uyu mwaka, ubwo Amerika na
Israel byagaba ibitero byo mu kirere kuri Iran, na yo yihorera igaba ibitero
by’ibisasu bya misile n’indege nto z’intambara zitajyamo umupilote (drone) ku
ngabo z’Amerika no ku bihugu by’inshuti z’Amerika mu karere k’uburasirazuba bwo
hagati.