Zelensky yavuze ko kuba intumwa za Amerika zitagiye i Kyiv ari 'agasuzuguro'

Ahavuye isanamu, Getty Images
Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko kubona intumwa za Amerika Steve Witkoff na Jared Kushner zaragiye i Moscow ariko ntizijye i Kyiv ari "agasuzuguro".
Abo bagabo babiri baragendeye umurwa mukuru w'Uburusiya mu mpera z'umwaka uheze, mu gihe ibiganiro vyo guhagarika intambara muri Ukraine vyari biriko vyihuta, bongera barasubirayo mu kwa mbere.
Witkoff, amaze kuja i Moscow incuro umunani, yarahuye kenshi na Prezida Vladimir Putin.
Ariko we na Kushner ntibarigera baja i Kyiv nk’abategetsi bo mu rwego rwa reta.
Mu kiganiro yagiranye n'ikinyamakuru co muri Ukraine, Zelensky yavuze ati: “Ni agasuzuguro kuja i Moscow ntuze i Kyiv, ni agasuzuguro gusa.”
Yongeyeko ati: “Ndazi ko hari ingorane nyishi z’ivy’ugutembera… Nimba badashaka kuza, dushobora guhurira mu bindi bihugu.”
Witkoff, yahoze ari umugwizatunga mu vy’inyubako, ni intumwa idasanzwe ya Prezida Donald Trump, mu gihe Kushner ari umukwe w'uwo Prezida wa Amerika.
Mbere muri kuno kwezi kwa kane, Zelensky yavuze ko abo bagabo babiri bategekanya kugendera Ukraine, ariko urwo rugendo ntirwigeze ruba kubera intambara ya Amerika-Israel na Iran.
Inama ya nyuma y'impande zitatu hagati y'Uburusiya, Amerika na Ukraine yabaye hagati mu kwezi kwa kabiri.
Izindi nkuru wosoma



