Trump avuga ko adashobora kwemerera Irani ko 'itera ubwoba' Amerika

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu gihe icuka kibi kibandanya hagati ya Irani na Amerika, Perezida Donald Trump yabwiye abanyamakuru ejo ku wa gatandatu ko "ibiganiro vyiza cane" na Irani biriko birabandanya, ariko y'uko adashobora kwemerera Tehran "gutera ubwoba" Amerika ku kibazo c'Umuhora wa Hormuz.
Avuga ko ivyo bakora ari "ukwiteza utunyoni nk'uko bavyamyemwo mu myaka 47".
Ni inyuma y'uko ejo ku wa gatandatu igisirikare ca Irani gitangaje ko casubiye kwigarurira uwo muhora, ku mvo z'uko Amerika yagose ibivuko vya Irani.
Ku bw'abategetsi ba Irani, ingingo ya Amerika yo kubandanya izibiye ibivuko vyayo ni "ihonyangwa ry'amasezerano y'agahengwe".
Hari haciye akanya gato izi Mpande zompi zumvikanye ku gahengwe k'indwi zibiri, aho bumvikanye ko amayira asubira kwugururwa mu Muhora wa Hormuz.
Irani ivuga ko uno muhora uzobandanya wugaye gushika igihe Amerika izokuriraho ingingo yo kuzibira amato n'ibivuko vya Irani.
Muri iyi ngingo, ingabo za Amerika zivuga ko zizotangira canke zisubize inyuma amato ynjira canke ava ku bivuko vya Irani, Kandi Perezida Donald Trump avuga ko iyi ngingo izobandanya gushika hashitsweko amasezerano y'amahoro.
Ni mu gihe Amerika na Irani bibandanya bishikiriza amajambo yerekana ko ata ruhande na rumwe rwemera kuva kw'izima.
Mohammad Bagher Ghalibaf, umukuru w'inama nshingamateka ari na we yari arongoye intumwa za Irani mu biganiro biheruka, ashimangira ingingo y'igisirikare ca Irani yo gusubira kwigarurira Umuhora wa Hormuz, akavuga kandi ko hari utubazo kamwe canke tubiri "gusa" impande zompi zitarumvikanako, ariko ntavuge utwo tubazo utwo ari two canke ngo asigure uburemere bwatwo.
Perezida Trump wewe ku mugaragaro abandanya yerekana icizere kinini c'uko amasezerano azoshikwako, kubera ico yita "ibiganiro vyiza cane".
Ariko aho hari imbere y'uko ingabo za Irani zirwanira mu mazi zirasa ubwato bwari buciye mu Muhora wa Hormuz ejo ku wa gatandatu inyuma y'uko Tehran (ubutegetsi bwa Irani) itangaza ko yasubiriye kuwigarurira.
Trump yavuze ko iri ari iterabwoba ritazokwihanganirwa.
Mu nyuma ishami rya gisirikare rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu muri Irani (IRGC) ryavuze ngo amajambo yashikirijwe na Trump kuri uno muhora "ntaco avuze".
Hagati aho, abanegura Trump kuri ino ntambara bo barabandanya bamunegura. Umwe muri bo ni Kamala Harris yahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu ku butegetsi bwa Joe Biden, aho avuga ko Trump "yinjijwe" mu ntambara na Benjamin Netanyahu, umushikiranganji wa mbere wa Israel.
Mw'ijambo yashikirije ejo ku wa gatandatu mw'ikoraniro ryo kwegeranya intererano, yabwiye abari muri ryo ati: "Yarinjiye mu ntambara, akwegewemwo na Bibi Netanyahu, hinge dutomore ibintu neza hano – yinjiye mu ntambara abanyagihugu ba Amerika badashaka, ashira mu kaga abasirikare ba Amerika".
Trump ntiyashotse yishura uno yatsinze bikomeye mu matora aheruka, ariko mu butumwa yacishije ku mbuga hwaniro, yashimangiye ko Israel ari "incuti ikomeye".
Ubu butumwa bugira buti: "Naho abantu bokunda Israel canke bakayanka, yarerekanye ko ari INCUTI IKOMEYE ya Amerika. Bafise ishaka, umutima rugabo, ni abizigirewa kandi, mu buryo butandukanye n'abandi, barerekanye kamere yabo mu bihe vy'intambara n'ingorane, Israel irarwana ititangiye itama kandi izi neza ingene ITSINDA!












