Uko Pakistan yumvishije Trump kugira ibe umuhuza atari yitezwe mu ntambara ya Iran

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Caroline Davies
- Igikorwa, Pakistan Correspondent
- Igihe co gusoma: iminota 6
Uruhara rwa Pakistan nk'umuhuza muri iyi ntambara rwatangaje benshi. Ariko kumbure ntirwategerezwa kubatangaza.
Umukuru w'igisirikare c'ico gihugu, Maréchal Asim Munir, arakunzwe cane na Prezida wa Reta zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump. Uno mutegetsi wa Amerika arakunda kumuvuga amudondora nk'umwe mu ba Maréchal "b'igikundiro". Mbera aherutse no kugaragaza ingene Munir atahura neza ivya Iran "kurusha benshi".
Iran si igihugu kibanyi ca Pakistan gusa. Ivyo bihugu bisanzwe bisangiye ibirometero 900 vy'urubibe. Ariko umuntu afatiye ku vyo Iran yo nyene ubwayo yivugira, ifitaniye ubucuti bwa "kivukanyi" na Pakistan hatibagiwe n'imigenderanire ikomeye yubakiye ku muco n'idini.
Pakistan nta n'ibigo vya gisirikare vya Amerika ihaye indaro. Kandi, mu buryo butandukanye n'ibindi bihugu vyari bisanzwe bifatwa nk'ibishobora kuba abahuza, yoyo ntirigera ikwegerwa muri iyo ntambara.
Mu buryo budasanzwe, iki gihugu kiripfuza cane kugira uruhara rw'ubuhuza- abatari bake bavuga ko amahoro hagati ya Iran na Amerika, Pakistan iyafisemwo inyungu.
N'ubwo biri uko, hari abibaza ingene igihugu gisanzwe gifitaniye amatati n'ibihugu bibiri vy'ibibanyi - Afghanistan n'Ubuhindi - cashoboye guhagarara nk'igishobora kuzana amahoro.
Ico gihugu kimaze imisi gicucagira ama bombe kuri Afghanistan. Kandi n'uruhagarara rwadutse hagati yaco n'Ubuhindi mu mwaka uheze vyatumye haba ubwoba ko ibihugu vyompi bisanzwe bitunze ibigwanisho kirimbuzi bishobora kubikoresha mu guhangana kwavyo.
Gushika ubu, Pakistan isa n'iyiriko igendera ku rwembe mu kugerageza guhuza Iran na Reta zunze Ubumwe za Amerika, aho iguma itanga ubutumwa hagati y'impande zompi, ikakira abashikiranganji b'imigenderanire baturuka mu bindi bihugu vy'aba islam vyegwa n'iyi ngorane, hamwe no kuguma iterefona irya n'ino mu twigoro twa diplomasiya.
Yamara, iyo nyifato yo kuguma hagati na hagati ntibuze ingaruka.
Ishobora gutakaza vyinshi
Pakistan ikoresha ahanini ibitoro igurira hanze, vyinshi bikaba bica mu muhora wa Hormuz.
Michael Kugelman, umushakashatsi mu kigo Atlantic Council kiraba ibibazo vyerekeye Aziya y'ubumanuko yabwiye BBC ati:
"Novuga ko Pakistan ifise inyungu nyinshi ngaha kurusha ikindi gihugu ico ari co cose co mu burasirazuba bwo hagati".
"Ifise imvo nyinshi kandi zikomeye ziyituma ikora ivyo ishoboye vyose kugira intureka zigabanuke".
Mu ntango z'ukwezi kwa gatatu, reta ya Pakistan yaradugije igiciro c'ibitoro vyo mu bwoko bwa essence na mazout ku rugero rwa hafi 20 kw'ijana yongera kandi ifata ingingo zitandukanye, harimwo ishingwa ry'imisi ine y'akazi ku ndwi ku bakozi ba reta, mu ntumbero yo kugerageza kuziganya igitoro.
Farhan Siddiqi yigisha ivyigwa vya politike mu kigo c'inyigisho z'ubucuruzi c'i Karachi yagize ati: "Hamwe intambara yobandanya, ukuremerwa kuri Pakistan kuzokwiyongera ku rugero rudasanzwe".

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Hari ubwoba kandi ku ngaruka zoba hamwe imishamirano yobandanya.
Mu kwezi kw'icenda mu mwaka uheze, Pakistan yagiranye amasezerano na Arabie Saudite, aho ibihugu vyompi vyumvikanye ko "kimwe muri vyo gitewe bizofatwa nk'aho n'ikindi kizoba gitewe".
Ivyo vyatumye hibazwa ico Pakistan yokora hamwe Arabie Saudite yokwinjira muri iyo ntambara (ya Iran) igaca ivyura ivy'ayo masezerano.
Siddiqi vuga ati:
"Ingorane kuri twebwe ni uko hamwe twosabwa kwinjira muri iyo ntambara ku ruhande rwa Arabie Saudite, akarere kacu kose k'urubibe rw'uburengero koca gasugerezwa nka kose n'umutekano muke".
Pakistan iza iri mu ntambara yeruye iyihuza na Afghanistan. Yagiriza aba Talibani bari ku butegetsi muri Afghanistan guha indaro imigwi y'iterabwoba, ivyo reta y'aba Talibani yamirira kure.
Ibajijwe ku bihushane vyigaragaza mu bikorwa vyayo vya diplomasiya cane cane iyo hageze inyungu zayo bwiye, Pakistan yishuye ko yamaze imyaka myinshi igerageza inzira y'ibiganiro ariko ko bitayizaniye umutekano yari ikeneye.
Ariko Siddiqi avuga ko kugira uruhara mu yindi ntambara, hamwe vyoshika ikayikwegerwamwo, atari yo ngorane yonyene ihanze Pakistan. Ashimangira ko hari n'izindi ngaruka zozanana "imbere mu gihugu".
Imisi mike inyuma y'iyicwa ry'indongozi y'ikirenga mu bitero vya Amerika na Israel, abashigikiye Iran baciye bihereza amabarabara muri Pakistan - benshi barishwe harimwo abagerageje kuvogera ubusrukizi bwa reta zunze ubumwe za Amerika i Karachi.
Maleeha Lodhi yahoze aserukira Pakistan muri Amerika, mu Bwongereza no muri ONU avuga ko " abanya Pakistan muri rusangi bashigikiye ku rugero runini Iran".
"Ndazi neza ko abafata ingingo muri Pakistan ivyo babibona".
Ico yunguka
Hariho n'ikibazo kijanye n'igihagararo ca Pakistan ku rwego rw'isi.
"Pakistan ntiyihanganira na gato kunegurwa ko idafise ijambo mu makungu", nk'uko bishikirizwa na Kugelman. "Sinibaza ko ico ari conyene kiyituma kuvyifatamwo uko yabigize, ariko n'ivyo birimwo".
"Iyi ni diplomasiya yo ku rwego rwo hejuru, nta nkeka kuri ibi", ni ko Lodhi yongerako imbere yo gushimangira ati: "Ishobora gukwega gose akaga canke ikazana akarusho. Bishitse ikagenda neza, ishobora kuduza Pakistan kw'isonga ry'umukino wa diplomasiya ku rwego rw'isi".
Bidakunze naho?
Lodhi ntiyibaza ko ingaruka zoba nyinshi.

Ahavuye isanamu, Turkish Foreign Ministry / Handout/Anadolu via Getty Images
"Pakistan ishobora kuguma ibonwa nk'iyakoze ivyo ishoboye vyose kandi ikabikorana umutima mwiza. Kandi nimba ibintu bitagenze neza, ntihazoba ari kubera ubushobozi n'ubumenyi buke bwa Pakistan. Bishobora guterwa n'uko yariko ikorana n'umuntu ari ntahomfatwa, kandi adashobora kwizigirwa na gato".
N'ubwo biri uko, Kugelman abona ko hashobora kuba ingaruka zikomeye mu gihe abantu bashobora kuba bari biteze ibiganiro, ariko impande zishamiranye zompi zigahitamwo gukaza umurindi w'intambara gusumba n'uko vyahora.
"Pakistan ishobora gufatwa nk'uko hari ivyo itari izi", ni co avuga kuri ivyo imbere yo kwongerako kandi ko abantu bashobora kwibaza "ko yakwegewe mu twigoro tw'ibiganiro mu gihe impande zompi zariko zigerageza kurondera akanya ko kuruhuka kugira ziyumvire intambwe zikurikira zerekeza ku gukaza intambara".
Imikino ya dipolomasiya itamenyerewe
Ntibizwi ingene ibintu bizobandanya, ariko ikigaragara ni uko Pakistan yihuse mu kugerageza kuvyaza umusaruro imigenderanire ifitaniye na Trump.
Lodhi ashimangira ko Pakistan yari yashize imbere izina rya Trump kugira azohabwe agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel "mu kumushimira ku ruhara rudasanzwe rwa diplomasiya yagize" igihe c'ugushamirana hagati ya Pakistan n'Ubuhindi muri 2025, hamwe n'uko Kabul yashikirije Amerika umugabo yagirizwa gutegura igitero ca bombe cabereye ku gibuga c'indege c'i Kabul igihe c'ukuva muri Afghanistan.
"Mu buryo bwihuse, Pakistan yahaye Trump intsinzi zibiri ngirakamaro cane kuri we. Ivyo vyatumye imigenderanire isubira kunaguka", ni ko Lodhi yavuze.
Yongerako ati: "Yiteguriye gukina imikino ya diplomasiya itamenyerewe, ibitandukanye n'Ubuhindi".
"Kuba abategetsi bo hejuru ba Pakistan barihase bakaja kuryosharyosha umukuru w'igihugu, vyaratumye Washington ibaha agaciro kandi ibona Pakistan nk'umuhuza w'umwizigirwa kurusha abandi".

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Yamara, imigenderanire na Amerika si yo karata yonyene ya Pakistan.
Siddiqi agira ati: "Pakistan yarabonye ko kudahitamwo uruhande rumwe gusa ari yo nzira ibereye mu bijanye n'imigenderanire y'akarere".
"Isi turimwo muri iki gihe ni isi aho ibihugu, cane cane ubutegetsi bubayabaye, bwiyumva neza iyo bugiraniye imigenderanire n'ibihugu vyinshi".
"Nibaza ko imvo ituma Pakistan iba mu kibanza ciza co kuganira na Iran ari uko itagaragara nk'iyishigikiye Israel canke nk'iyiri cane ku ruhande rwa Amerika"
Hagati aho, amanama ya diplomasiya arabandanya.
Yamara, haracibazwa ibibazo vyinshi kuri Pakistan; kandi gushika ku masezerano y'amahoro bisa n'ibitoroshe.
Kugelman yagize ati:
"Dutomoye ibintu neza, amahirwe yo kugera ku mwumvikano si menshi dufatiye ku kutizerana kurangwa hagati y'abanyamerika n'abanya Iran, no ku kungene ibihugu vyompi bisaba amananiza".
"Nibaza ko ico ari igiharuro kigoye cane Pakistan izotegerezwa kwiyumvirako hamwe imikenyuro yayo yonanirwa"












