Ibisasu bitaraturika, abapfuye, inzu zabomotse, abana babuze ababo…Bujumbura inyuma y'isanganya ku kigo ca gisirikare

Igisasu cyabonetse muri zone Musaga

Ahavuye isanamu, UGC

Insiguro y'isanamu, Igisasu cyabonetse muri zone Musaga
Igihe co gusoma: iminota 4

Umunsi umwe inyuma y'uguturika gukomeye cane kwavuye kw'isanganya ry'umuriro mu bubiko bw'ikambi ya gisirikare ya 'Base' iri muri zone Musaga, mu gisagara ca Bujumbura, reta nta co iravuga ku vyahononekariye n'abapfuye muri rusangi, ariko ingaruka ziribonekeza hirya no hino muri uwo mugwa mukuru w'ubutunzi w'Uburundi.

Abanyagihugu mu bice bitandukanye vya Bujumbura babwiye BBC ingorane bahuye na zo mw'ijoro, inyuma y'aho ibisasu vyari mu bubiko biturikiye, ibisigarira vyavyo bigashika ku birometero birenga bitanu uvuye kuri 'Camp Base i Musaga'.

Itororokanirizo ry'amakuru AFP rivuga ko ku makuru rivana mu masoko y'igisirikare n'igipolisi abantu baharurwa muri mirongo bapfuye.

Hafi y'iyo kambi mu makaritiye ya Kinanira, Gasekebuye, Kinindo na Musaga, inzu nyinshi zabomotse ibice, impome, amadirisha n'ibisenge kubera inguvu z'ivyo vyaturitse.

BBC Gahuzamiryango yabajije abategetsi uko ibintu vyononekaye bingana n'abo vyagizeko ingaruka, bishura basaba kubangira ngo kuko bigiharurwa.

Ibisasu bimwe bimwe vyakoze ibara kure uvuye mw'ikambi ya 'Base'.

Umwe mu bapfushije umuntu yabwiye BBC ko umurundikazi wo mu muryango wiwe yapfuye azize ibikomere yatewe n'igisasu caguye mw'ibohero rikuru rya Mpimba aho yari amaze ukwezi apfungiwe.

Muri iri bohero riri hafi y'iyo kambi ya gisirikare iri muri zone Musaga, havuzwe abantu bamwe bamwe bakomeretse.

Radio Isanganiro yo m'Uburundi ivuga ko Adelaïde Hatangayo Musitanteri wa komine Mugere yatangaje ko muri komine yiwe – agace ka Musaga gahereyemwo – hapfuye abantu indwi(7) harimwo babiri bapfiriye mw'ibohero rikuru rya Mpimba.

Mu Gisandema muri Zone Gihosha mu buraruko bushira ubuseruko bw'igisagara ca Bujumbura, igisasu cabomoye inzu gihitana umukozi wo mu nzu, nk'uko bamwe mu bavyiboneye babibwiye BBC Gahuzamiryango.

Ibice by'ibisasu vyashitse mu mazu z'abanyagihugu mu bice bimwe bimwe vy'igisagara, iki ni igice c'igisasu muri Kinanira 3 caguye mu cumba c'inzu

Ahavuye isanamu, UGC

Insiguro y'isanamu, Ibice by'ibisasu vyashitse mu mazu z'abanyagihugu mu bice bimwe bimwe vy'igisagara, iki ni igice c'igisasu caguye mu cumba c'inzu muri Kinanira 3
Ico gisasu caguye muri ico cumba kimaze kubomora iki gisenge

Ahavuye isanamu, UGC

Insiguro y'isanamu, Ico gisasu caguye muri ico cumba kimaze kubomora iki gisenge
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uwundi vyemejwe n'abiwe ko yapfuye ni umugore wo muri Quartier Mutakura muzi Zone Cibitoke.

Ubwo burere bwose buri mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura, nko ku birometero birenga indwi(7) uvuye ahari ivyariko biraturika muri zone Musaga.

BBC yashoboye kugenzura yemeza amakuru y'ibisasu n'imiburiburi bitatu bitari bwaturike, vyabonetse muri Zone Rohero, Musaga na Gasekebuye.

Igisasu cabonetse muri Zone Rohero caje gukurwaho n'abapolisi bacungera inzego ba API isaha zitanu zo mu gitondo, nk'uko umumenyeshamakuru akorana na BBC uri i Bujumbura avyemeza.

Igitigiri kitazwi c'abana baraburiwe irengero igihe abantu bariko barahunga kubera ubwoba muri iri joro ryakeye ryo ku wa Kabiri.

Abavyeyi benshi bariko barangisha abana babo, mu gihe Musitanteri wa Komine Mugere yasavye abavyeyi babuze abana babo ko boja ku mirwa mikuru ya Zone Ruyaga na Zone Buhonga kuraba aho bariko bahuriza abana babuze abavyeyi babo.

Ivyashitse neza na neza mu kigo ca Camp 'Base' ntibiramenyekana kandi abasirikare boba bapfuye canke bakomeretse ntibazwi ibitigiri.

Haracari ibibazo vyinshi bitaratorerwa inyishu, kimwe muri vyo ni uwuzoriha ivyononekaye mu banyagihugu.

Igisasu cabonetse hafi ya 'Maison de la Presse' muri Zone ya Rohero cakuweko isaha zitanu z'igitondo

Ahavuye isanamu, UGC

Insiguro y'isanamu, Igisasu cabonetse hafi ya 'Maison de la Presse' muri Zone ya Rohero cakuweko isaha zitanu z'igitondo
Inzu zimwe zimwe zononekaye mu mazone amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura

Ahavuye isanamu, UGC

Insiguro y'isanamu, Inzu zimwe zimwe zononekaye mu mazone amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura
Imodoka yangiritse kubera ibisasu muri zone ya Kinanira 3

Ahavuye isanamu, UGC

Insiguro y'isanamu, Imodoka yangiritse kubera ibisasu muri zone ya Kinanira 3
Urusenge rw'imwe mu nzu yo muri Kinanira rwasambutse hafi rwose
Insiguro y'isanamu, Urusenge rw'imwe mu nzu yo muri Kinanira 4 rwasambutse hafi ya rwose
Kinanira 4, kuri avenue Mpimba hafi ya Camp Base insenge z'inzu nyinshi zabomotse
Insiguro y'isanamu, Kinanira 4, kuri avenue Mpimba hafi ya Camp Base insenge z'inzu nyinshi zabomotse
Ibirahure vy'amadirisha henshi vyamenetse bikomeretsa bamwe bamwe
Insiguro y'isanamu, Ibirahure vy'amadirisha henshi vyamenetse bikomeretsa bamwe bamwe