Irani: Wa musirikare wa Amerika yatakara inyuma y'iraswa rya F-15 yatowe, 'yarakomeretse' - Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje ku rubuga hwaniro rwiwe wa Truth Social ko wa musirikare wa Amerika yaburirwa irengero igihe indege y'intambara F-15 yarimwo yaraswa mu bumanuko bwa Irani ameze neza amaze kurokorwa n'ingabo za Amerika.
"TWAMUTOYE! Banyamerika benewacu, mu masaha atari make aheze, igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika cakoze kimwe mu bikorwa vy'ubutwari budasanzwe muri kahise ka Amerika co Kurondera no Gutabara", ni ko Trump yanditse.
Trump yabandanije avuga ko uno musirikare yari yatakaye, "umukoroneli yubashwe cane " ..., yari "yaguye mu mutego w'abansi mu misozi mibi ya Irani, ariko ahigwa buhongo n'umwansi", ariko ko abasirikare bagenziwe ba Amerika "babandanije bakurikirana aho yari ari amasaha 24 kuri 24".
Trump yanditse avuga ko ari n'umunezero mwinshi wo kuvuga ko ubu "AMEZE NEZA!"
"Yarakomeretse, ariko azokira", niko abandanya yandika mu butumwa bwiwe yacishije kuri Truth Social.
Iki gikorwa c'ubutabazi "c'agatangaza" cabaye inyuma y'ikindi gikorwa co kurokora "uwundi mudereva w'inshirwarimezetse", Trump akandika avuga ati "ntitwavyemeje, kubera tutashaka gutoba iki gikorwa kindi c'ubutabazi".
Yandika ati: "NTITUZOKWIGERA DUHEBA UMUNYAMERIKA ARIKO ARARWANIRA IGIHUGU!"
Trump yavuze ko igisirikare ca Amerika cari "carungitse indege zitari nke" muri Irani gutabara uno musirikare yari muri iyo ndege y'intambara yarashwe na Irani.
Ntavuga aho bamutoye, ariko amakuru y'imbere y'aha yavuga ko yashobora kuba yakorokeye mu misozi y'intara ya Kohgiluyeh na Boyer-Ahmad, mu bumanuko bushira uburengero bwa Irani.
Yanditse ashimagiza cane iki gikorwa avuga ko caranguwe ata "musirikare N'UMWE wa Amerika yishwe, canke ngo akomereke".
Ni mu gihe Irani na yo yariko imuhigisha urushinge, mbere ikaba yari yemereye agashimwe kagera ku bihumbi 66 vy'amadorari ku muntu wese yari gufasha kugira ngo uyo musirikare wa Amerika afatwe mpiri.
Haracari igipfungu ku kungene yarokowe, ariko umwe mu bantu bafise amakuru y'ukungene iki gikorwa cagenze yavuze ko habaye ukurasana "gukomeye" mu bumanuko bwa Irani.
BBC yabwiwe ko muri iki gikorwa ingabo za Amerika n'iza Irani zarasanye, ariko ko uno musirikare ashobora kuba yakomeretse igihe yakoroka ava muri iyo ndege.
Trump yarangije ubutumwa bwiwe agira ati: "IMANA IHEZAGIRE AMERIKA, IMANA IHEZAGIRE INGABO ZACU, KANDI PASIKA NZIZA KURI MWESE!"
Hagati aho, intambara zozo zirabandanya muri Irani, aho ejo ku wa gatandatu ibi bihugu vyompi vyagabishanije, buri ruhande ruburira urundi ko rugiye kwibonerako.
Perezida Trump yagabishije Irani ko azoyisukako 'umuriro udahera' mu gihe itokwemera amasezerano canke ikugurura Umuhora wa Hormuz mu masaha 48 kuva ejo ku wa gatandatu, ni ukuvuga gushika ku wa mbere.
Mu nyuma, abategetsi ba gisirikare ba Irani na bo bagabishije ko "akarere kose kazocika umuriro udahera" kuri Amerika na Israel mu gihe ibintu vyokwunyuka muri iyi ntambara.
Imbere y'aho, Trump yari yasohoye videwo yavuga ko yari iyerekana "igitero rutura" ku mugwa mukuru wa Irani, Tehran.
Yavuga ko "benshi mu ntwazangabo z'igisirikare ca Irani, bayoboye igihugu nabi kandi batagira ubwenge, bishwe, hamwe n'ibindi vyinshi" inyuma y'ico gitero.
Nta zindi nsiguro zatanzwe, kandi na Irani ntaco yavuze kuri aya majambo yavuzwe na Trump.












