Intambara yo muri Ukraine: Abategetsi b'Uburusiya bavuga ko bakoroye amadrone 586 mu masaha 24 aheze

Inzu iriko irasha

Ahavuye isanamu, Kharkiv Region Prosecutor's Office

Igihe co gusoma: iminota 2

Igisirikare kirwanira mu kirere gitangaza ko cakoroye indege zitajamwo abadereva (drone) za Ukraine 568 mu masaha 24 aheze, nk'uko bitangazwa n'ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi.

"Ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bwakoroye amabombe ntahusha icenda, igisasu ca HIMARS ca Amerika, hamwe n'amadrone 568", niko ubu bushikiranganji buvuga.

Imwe mu ntara zatewe n'ano madrone ya Ukraine harimwo intara ya Leningrad, aho ikivuko c'ahitwa Vysotsk cadutsemwo umuriro, nk'uko bitangazwa na buramatari w'iyo ntara Alexander Drozdenko, akavuga ariko ko washoboye kuzimwa.

Yagize ati: "Umuriro wadutse inyuma y'igitero ca drone muri kano gatondo ku kivuko ca Vysotsk wazimijwe rwose".

Imbere y'aha, yari yatangaje ko amadrone 27 ari yo yarasiwe mu kirere c'intara ya Leningrad, abategetsi bakavuga ko ata muntu yapfuye canke ngo akomereke.

Eka na buramatari w'intara ya Samara avuga ko mw'ijoro ryakeye habaye ibitero vy'amadrone vyakozwe ku bigo vy'inganda ahitwa Novokuibyshevsk na Syzran.

Vyacheslav Fedorishchev na we nyene yavuze ko atawe vyahitanye canke ngo bikomeretse.

Hagati aho avuga ko imwe muri aya madrone yakorokeye hafi y'ibitaro bimwe vyakira abavyeyi bibaruka i Novokuibyshevsk, akavuga ko amadirisha yamenaguritse ariko ko ata n'umwe yakomeretse.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibinyamakuru bikorera muri iyo ntara bitangaza ko abana bose hamwe n'abarwayi bimurwe ku bindi bigo vy'ubuvuzi muri ico gisagara.

Ukraine ntaco iratangaza kuri ibi bitero bivugwa ku butaka bw'Uburusiya.

Hagati aho, igisirikare cayo kirwanira mu kirere na co kivuga ko ingabo z'Uburusiya zakoze ibitero biva mu mpande zitandukanye zikoresheje amadrone 219. Kivuga ko hafi 150 yari ayo mu bwoko bwa shahed, amadrone y'ubwiyahuzi ahingurwa na Irani.

Mw'itangazo, kigira kiti: "Iki gitero co mu kirere catujijwe n'indege, misire zikorora indege z'intambara, ingabo zikoresha ubuhinga bwa none bw'intambara, indege zitajamwo abadereva, hamwe n'imirwi ijejwe kurwanya imiriro y'ivyaduka mu ngabo za Ukraine zirwanira mu kirere.

"Ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bwakoroye amadrone y'umwansi 190 yo mu bwoko bwa Shahed, Gerbera, Italmas, n'ubundi, mu buraruko, mu bumanuko no mu buseruko bw'igihugu. Amadrone 28 yarasiwe mu turere 17, ibindi bisigarira bitorwa mu bibanza icenda".

Haraheze imyaka irenga ine Uburusiya butanguje intambara kuri Ukraine, kandi gushika ubu utwigoro two kuyirangiza ntaco turashikako, ibitero vya Amerika na Israel kuri Irani vyatanguye mu mpera z'ukwa kabiri bikaba bisa n'ivyibagije iyi ntambara.