Ibrahim Traoré yakiriye Ndayishimiye i Ouagadougou

Ahavuye isanamu, Présidence du Faso
Perezida Evariste Ndayishimiye w’Uburundi ari mu rugendo “rw’akazi n’ubucuti” muri Burkina Faso nk’uko bimenyeshwa n’ibiro vyiwe.
Ibiro vya Prezida wa Burkina Faso bivuga ko Ibrahim Traoré nk’umukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vy’akarere ka Sahel (Confédération des États du Sahel) yakiriye Ndayishimiye bijanye n’ukubana kw’iryo shirahamwe hamwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Africa.
Ndayishimiye ubu ni we arongoye ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika mu kiringo c’umwaka umwe.
Uru rugendo ruje inyuma y’utwigoro tw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika two kunagura umubano n’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika vyakuwe muri iryo shirahamwe kubera gutembagaza ubutegetsi mu myaka iheze.
Ivyo bihugu vya Burkina Faso, Mali na Guinea vyashinze rirya shirahamwe Confédération des États du Sahel ubu rikuriwe na Traoré.
Muri raporo yayo yo mu kwezi guheze, inama ijejwe umutekano y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yamenyesheje ko n’aho habaye inama zo mw’ibanga, iryo shirahamwe “rigifise ikibazo co gusubirana igihagararo caryo” mu bihugu vyabayemwo gutembagaza ubutegetsi.

Ahavuye isanamu, Presidence du Faso
Iyo nama y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Africa ivuga ko muri bimwe muri ivyo bihugu – harimwo na Burkina Faso – abakozi baryo bankiwe kuhagera.
Mali, Guinea, na Burkina Faso, vyakuwe mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Africa inyuma yo gutembagaza ubutegetsi mu 2021 na 2022.
Mu minsi iheze, Perezida Ibrahim Traore wa Burkina Faso aherutse gutangaza ko igihugu ciwe kidakeneye demokarasi kuko yica.
Urugendo rwa Ndayishimiye muri Burkina Faso ruje inyuma y’utwo twigoro tw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika mu kunagura imigenderanire n’ivyo bihugu.











