Gutorera umuti intambara nk'iyo mu buseruko bwa RD Congo si ikintu co kwihuta – intumwa ya Amerika

Massad Boulos

Ahavuye isanamu, UN

Igihe co gusoma: iminota 3

Umuhanuzi wa Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku bibazo vyo Afrika, Massad Boulos avuga ko gutorera umuti intambara irangwa mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo atari igikorwa coroshe na gato kubera inkomoko yayo.

Boulos yavuze ko "iki kibazo gisaba ubwitonzi, kutadebukirwa, utwigoro tw'impande zompi, incuti za Afrika hamwe n'amakungu muri rusangi".

Yabivugiye mw'ijambo yaraye ashikirije mw'ikoraniro ry'inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw'isi aho yari iramutse ishikirizwa icegeranyo c'umukuru mfatakibanza w'ubutumwa bwa MONUSCO [urwego rw'intumwa za ONU zo kugarukana amahoro muri Congo].

Avuga ku masezerano y'amahoro ya Washington hagati ya RD Congo n'Urwanda - avuga ko yatanze umushinge w'umugambi w'amahoro wagutse - Boulos yagize ati: "Aya masezerano yubakiye ku kwizigiranira hagati y'ivyo bihugu bibiri n'abakuru bavyo mu kurengera imishamirano kugira ngo bafate inzira y'ibiganiro, ugufashanya n'ituze rirama".

Ku buhuza bwa Amerika, ku wa 4 Kigarama (12) umwaka uheze Perezida Félix Tshisekedi wa RC Congo hamwe na Perezida Paul Kagame w'Urwanda bateye igikumu ku masezerano y'amahoro, ariko bikaba bitabujije ko intambara ibandanya.

Hampande ya Washington, hari ibiganiro bibandanya hagati ya reta ya Congo n'umuhari uyirwanya wa M23 i Doha muri Qatar, kugira ngo batorere umuti izo ndyane zimaze imyaka irenga 30.

Hari kandi n'ibiganiro bihagarariwe na Perezida João Manuel Lourenço wa Angola be na Perezida Faure Gnassingbé wa Togo, kw'izina ry'Ubumwe bwa Afrika, bihurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, imirwi yitwaje ibirwanisho hamwe n'abajejwe ubutabazi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Utu twigoro twose ni nkenerwa kandi turuzuzanya, kandi Reta Zunze Ubumwe za Amerika zibandanya zishigikira cane ishirwa mu ngiro ryatwo", niko Boulos yavuze.

Hagati aho, umuwo mujenama akaba n'intumwa idasanzwe ya Trump avuga ko hakiri inzitizi zituma utu twigoro ata co dushikako, aho yagirije atarya umunwa Urwanda, rusanzwe rwagirizwa ko ari rwo rufatiye umuriro umuhari M23.

Yagize ati: "Turababajwe cane n'ukungene Urwanda ruherutse gutuma ibintu vyunyuka muri iyi ntambara, ibi bikaba ari ukurenga ku nshingano zarwo zitegekanijwe n'amasezerano ya Washington.

"Ni co gituma Reta Zunze Ubumwe za Amerika zafashe ingingo y'akataraboneka mu ntango z'uku kwezi yo gufatira ibihano vyihariye igisirikare c'Urwanda n'abajenerali bane ba RDF. Tuzobandanya twihweza n'izindi nzira zose zishoboka kugira ababangamira amahoro babibazwe.

Urwanda rwariyamirije ibi bihano vya Amerika ruvuga ko birurenganya.

Itangazo ry'ibiro by'ubuvugizi bwa reta y'u Rwanda rigira riti: "Ibihano vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bitumbera uruhande rumwe gusa rwo muri gahunda y'amahoro birurenganya [kandi] bisobanura ibintu uko bitari ndetse bikagondamika uko ibintu bimeze mu ntambara yo mu burasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

"Ibitero bihozako kandi bitarobanura vya 'drone' hamwe n'ibitero vyo ku butaka ni uguhonyanga bigaragara amasezerano y'agahengwe bikozwe na DRC, ndetse bikomeje gutwara ubuzima bwa benshi.

Boulos yashimangiye akamo ko ''gukuraho ingamba z'ubwirinzi be no gukura vuba bwango ingabo z'Urwanda zose ku butaka bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo".

Boulos asaba kandi ukwubahiriza ubwigenge n'ubusugire bwa Congo, ariko agatera akamo reta y'iki gihugu gutuza(kurandura) umuhari w'inyeshamba FDLR urwanya ubutegetsi bwa Kigali, "nibura mu duce igenzura".

Ati: "Izi ngingo ni nkenerwa kugira ngo haboneke umuti w'ibibazo vy'umutekano biteza ukwinubana n'umutekano muke muri ako karere".

Mu gihe urunani AFC/M23 rubandanya rushinga inzego mu turere rugenzura, Boulos avuga ko ari ngombwa ko hagarukanwa ubutegetsi bw'igihugu mu ntara zose za Kivu kugira ngo habe amahoro arama.

Ati: "Abanyagihugu ba Congo bategerezwa kuronswa akaryo ko kugira inzego zemewe kugira ngo bakingirwe umutekano, bagire intwaro ibereye kandi bagatunganirizwa muri utwo turere".