Biri hasi
Umunsi mpuzamakungu w'umuvuduko w'amaraso: Kwipimisha iyi ngwara ni bwo buryo nyabwo bwo kuyikingira

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ushaka kumenya ko ufise ingwara y'umuvuduko w'amaraso, uburyo bwiza n'ukuyipimisha kuko abantu benshi nta bimenyetso bumva.
Abantu bababa igice ca miriyaridi 1.3 bagendana ingwara y'umuvuduko w'amaraso batabizi.
Afrika ni yo ifise abantu benshi bagendana ingwara y'umuvuduko w'amaraso (27%), mu gihe Amerika ari yo ifise igitigiri gito (18%), nk'uko bivugwa n'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO.
Gukurikirana ubudasiba ni ngombwa kugira ngo umuntu amenye hakiri kare kandi ashobore gucungera neza umuvuduko w'amaraso. Ibi bikurikira biragufasha kumenya ibipimo vy'umuvuduko w'amaraso hakurikijwe amategeko ya OMS no kukwereka ingingo wofata ku buzima bwawe.
Raba ko ufise ivyago vyo kugira umuvuduko minini w'amaraso
Umuvuduko w'amaraso wawe urasanzwe?
Koresha ubu buryo urabe ico ibiharuro vy'umuvuduko wawe w'amaraso bisigura umenye n'ico woca ukora.
Pima ikigereranyo c'umuvuduko wawe w'amaraso
Umuvuduko w'amaraso wandikwa mu biharuro 2.Igiharuro ca systolic cerekana umuvuduko mu mitsi iyo umutima uriko uratera. Igiharuro ca diastolic cerekana umuvuduko iyo umutima uruhutse hagati y'indihagizi zibiri.
Injiza aho munsi ibiharuro umuvuduko w'amaraso mu myanya ibiri itandukanye.
Umuvuduko w'amaraso wawe ni:
Igipimo ca mbere
Igipimo ca kabiri
Harura ivyago vy'ugushobora kugira umuvuduko munini w'amaraso
Umuvuduko wa Diastolic
Igiharuro co munsi
Umuvuduko wa Systolic
Igiharuro co hejuru
Ivyago vyo gushobora kurwara umuvuduko w'amaraso ni :
Bisanzwe
Hafi yo kurwara umuvuduko w'amaraso
Intambwe ya mbere y'indwara y'umuvuduko w'amaraso
Intambwe ya kabiri y'indwara y'umuvuduko w'amaraso.
Hakenewe n'imiburiburi igipimo kimwe c'ukuri
Gutahura ibiharuro vy'umuvuduko wawe w'amaraso
Umuvuduko ukabije w'amaraso utogwa iyo igiharuro ca Systolic ku minsi ibiri yompi ari ≥140 mmHg na/canke igiharuro ca Diastolic ku minisi ibiri yompi kikaba ≥ 90 mmHg muri iyo misi ibiri yose.
Subira upime haheze ukwezi.
-
Impanuro ku ntambwe zikurikira.
Ukaba ubona kimwe muri ibi bimenyetso hamwe n'umuvuduko munini w'amaraso, raba umuganga ubwo nyene.
- Kugira ivyijiji mu maso n'ibindi bihinduka mu kubona
- Ibizunguzungu
- Kumeneka umutwe bikabije
- Umwitwarariko
- Kubabara mu gikaraza
- Ingorane zo guhema
- Iseseme
- Kudahwa
- Kuzazanirwa
- Kwumva iminzerere mu matwi
- Kuva umwuna
- Umutima utera nabi.
-
Kwirinda umuvuduko w'amaraso ukabije.
Imibereho ishobora gufasha kugabanya umuvuduko munini w'amaraso irimwo:
- Gufungura ibifungurwa vyiza
- Kurya umunyu muke
- Kugabanya ibiro
- Kugira akamenyero ko kwinonora imitsi.
- Guheba itabi.
Menya neza
Umukozi wo kwa muganga wenyene niwe yemeza ko hari ibimenyetso vy'umuvuduko w'amaraso uri hasi canke hejuru.
Aho bivuye: Ishami rya ONU riraba amagara y'abantu OMS n'urwego rw'amagara y'abantu mu Bwongereza NHS
Shira kugihe imashini yawe






