Rwanda: Umugabo aronka 99% ashaka kubandanya ubutegetsi amazeko imyaka 30

Ahavuye isanamu, AFP
Nta kintu kinini citezwe guhinduka ku mukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame mu matora y’ejo ku wa mbere ugereranije n’amajwi hafi 99% yaronse mu matora aheruka.
Uru rugero rw’intsinzi yo mu 2017, hampande ya 95% mu 2003 na 93% mu 2010, rwatumye haba abibaza nimba koko aya matora yerekana demokarasi nyayo.
Aya ni amajambo anegura ataco abwiye uno yahoze ari impunzi mu nyuma akarongora urugamba rw’inyeshamba zafashe igihugu.
Ari imbere y’isinzi ry’abanywanyi igihe yari mu myiyamamazo mu kwezi guheze mu burengero bw’Urwanda, Perezida Kagame yagize ati: “Hari abantu bumva ko ijana kw’ijana atari demokarasi”.
Avuga ku matora yabereye ahandi, atarinze kudoma urutoke ku gihugu kanaka, yongeyeko ati: “Hari uwo nabajije ejobundi nti ‘abayoborwa na 15% iyo ni demokarasi gute? Hari benshi batorwa bakavamwo babonye 15% ndetse n’ababatoye ari nka 30% canke 40% y’abagomba gutora. Iyo niyo demokarasi? Gute se?”
“Ibibera mu Rwanda biraba Abanyarwanda”.
Abanywanyi biwe baririmba bavuga (mu majambo yabo) ngo “bazaze bige, bazaze bige…”, bazungagiza amabendera y’umugambwe uri ku butegetsi FPR afise ibara ritukura, iryera n’iry’ubururu.
Ku burebure bw’imbetero zirenga 1.83, uno mugabo w’imyaka 66 w'imbaga nto ariko w’inkomezi z’umubiri, akaba ari se w’abana bane, aboneka nk’umugabo w’umujinya kandi w’igihagararo iyo ari mw’isinzi ry’abantu. Arashobora kumwenyura canke agatebura nka rimwe cane kabiri, ariko rimwe na rimwe ashobora kwijima mu maso, nka kurya biba ku muntu mukuru yababaye.
Ijambo ryiwe ashikiriza mu bwitonzi ntangere rituma abamwumviriza barinoganza, kandi iyo ariko aravuga adudurirako, ni gake arya umunwa.
Eka n’iyo bishitse agakoresha imvugo ifobetse canke itadudurirako, arakoresha amajambo atuma abantu bumva ico ariko aravuga.

Ahavuye isanamu, AFP
Ubuzima bwa Kagame bwarakozweko n’indyane hagati y’Abahutu n’Abatutsi mu Rwanda.
Mu ntumbero yo kurengera ibi, reta yiwe ubu ishimangira ko abanyagihugu bibona nk’Abanyarwanda aho kwibona mu bwoko kanaka.
Nk’umukuru w’igihugu kuva mu 2000, ubu ariko yitoreza ikiringo kigira kane, ariko mu vy'ukuri Kagame ni we mutegetsi w’iki gihugu ca Afrika y’Ubuseruko kuva muri Mukakaro (7) 1994. Aha niho inyeshamba ziwe zatsinda zirukana reta y’Abahutu b’intagondwa bakoze jenoside y’ico gihe.
Yatanguye amabanga nk’icegera c’umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wo kwivuna abansi.
Abamushigikiye, muri bo hakaba harimwo n’abanyaporitike bakomeye bo mu Amerika na Buraya, baramushimagiza nk’umuntu yazanye ituze agasanura n’Urwanda inyuma y’ubwicanyi bw’agahomerabunwa bwahitanye Abatutsi n’Abahutu bari bafise ivyiyumviro vyo hagati na hagati, bose hamwe bangana na 800.000.
Hari bamwe bagiriza icari igisirikare ciwe c’inyeshamba ico gihe ko cakoze ubwicanyi bwo kwihora muri ico gihe, ariko reta yiwe ibandanya ivuga ko vyakozwe n’umw’umwe ku giti ciwe kandi ko ababikoze bose bahanywe.
Uno mukuru w’igihugu na we nyene ntasigara inyuma mu kunegura Uburengero, ariko kandi akagerageza gukora uko ashoboye kugira agume ashigikiwe, rimwe na rimwe agakoresha amayeri atuma biyagiriza kubona barananiwe no guhagarika jenoside.
Urwanda kandi rwari umufatanyabikorwa kandi rugahabwa amahera n’Ubwongereza muri wa mugambi uherutse kugwa mu mazi wo kurungika abarondera ubuhungiro muri ico gihugu.
“Nta nkeka, nzotora PK”, niko umunyeshure wa kaminuza Marie Jeanne abwira BBC, akoresheje indome zitangura z’amazina y’umukuru w’igihugu mu kuvuga Kagame.
“Raba ukuntu niga neza.
“Iyaba atari we Perezida, hari n’aho mba ntiga neza, kumbure kubera ata mutekano”.
Ku bwiwe, inyishu ku kibazo c’uwo azotora iragaragara, ariko hari ayandi mazina abiri ku rutonde rw’amazina y’abitoza.
Frank Habineza wo mu mugambwe Uharanira Demokarasi no Gukingira Ibidukikije mu Rwanda, hamwe n’uwigenga Philippe Mpayimana bompi basubiye kwitoza, inyuma y'imyaka indwi bagerageje ubwa mbere.
Ariko muri ayo matora aheruka bompi [bateranije] baronse 1% arenga gato.
Iyindi migambwe ishigikiye Kagame muri ano matora y’umukuru w’igihugu.
Diane Rwigara, umunyaporitike atavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi kandi anegura yeruye Perezida Kagame, yarabujijwe kwitoza ku mvo z’uko aterekanye impapuro z’ukuri, ivyo yamirira kure avuga ko ari ivyitwazo vyo kumuzibira ngo ntiyitoze.

Ahavuye isanamu, AFP
Kagame aragirizwa kandi kunumya abandi bashobora kumubera abakeba, mu kubapfunga no mu kubatera ubwoba. Igihe kimwe yabwiye imboneshakure Al Jazeera ko adakwiye kubazwa ivy’intege nke z’abatavuga rumwe na we.
Urusobekerane karuhariwe rwa ba maneko biwe rwagirizwa ubwicanyi n’inyuruza y’abakeba biwe hanze y’igihugu.
Baragirizwa ko ari bo banagandaguye uwahoze ari umukuru wabo, Patrick Karegeya yahoze arongoye igendereza, mu nyuma akaza guhunga acanyemwo na Perezida Kagame.
Yishwe mu 2014 aho yaba mw’ihoteri yo mu gisagara ca Johannesburg muri Afrika y’Epfo.
David Batenga, mwishwa wa Karegeya, agira ati: "Bakoresheje umugozi mu kumumanika”.
Kagame nta kintu kinini yakoze mu kwitandukanya n’ubu bwicanyi, mu gihe ahakana ku mugaragaro ko ata ruhara afise.
Haciye akanya, yabwiye igiteramo c’amasengesho, mu majambo yiwe bwite mu Kinyarwanda, ati: "Ntuzagambanira u Rwanda ngo ubikire.
“Uwo ari we wese, n’ukiriho, bizamugaruka… Uwo ari we wese. Ni igihe gusa. Buri wese.”
Urugamba rwo gukingira umutekano w’igihugu ciwe rwamutumye arungika ingabo mu gihugu kibanyi ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo, avuga ko ziriko zirakurikirana umuhari w’inyeshamba z’Abahutu.
Urwanda kandi rwagirizwa ko rushigikiye inyeshamba za M23 muri ico gihugu – ivyo ruhakana, nubwo hamaze kwerekanwa ivyemezo vyinshi, harimwo n’icegeranyo giheruka ca ONU.
Avuga kuri ano matora, Filip Reyntjens agira ati: “Ni ukuri ata vyo kubesha, [amatora] ni ubuyayasi”. Uno muhinga mu vya poritike w’Umubirigi ni umuhinga ku karere k’ibiyaga binini.
Ati: “Ni vyo si nzi ibizoba ubu, ariko amatora aheruka yabaye…ibikino.
“Nshatse kuvuga ko umurwi w’igihugu ujejwe amatora utanga amajwi aho guharura amajwi”, niko avuga, asubiramwo icegeranyo c’indorerezi z’Ubumwe bwa Bulaya co mu 2003, hamwe n’icegeranyo c’indorerezi za Commonwealth zarungitswe gukurikirana amatora mu 2010.
Ku rubuga ngurukanabumenyi rwawo, umurwi w’igihugu c’Urwanda ujejwe amatora uvuga ko utegura “amatora meza, mu bwisanzure kandi abera ku mugaragaro mu ntumbero yo gutsimbataza demokarasi n’intwaro ibereye mu Rwanda”.
Nayo Dr Joseph Sebarenzi yahoze ari umukuru w’inama nshingamateka y’Urwanda, mbere yabuze abavyeyi n’abanyamuryango benshi muri jenoside ubu akaba aba mu buhungiro muri Amerika, agira ati: “Kuri jewe, amatora yimirije mu Rwanda ntaco avuze.
“Amatora ni nk’urukino rw’umupira w’amaguru, aho uwaruteguye nawe ahiganwa, agatora abo bahiganwa, agategeka abantu kwitaba uru rukino, kandi bose bakaba bazi uwateguwe kuzorutsinda, ariko bagategerezwa kwitwara nk’uko uru rukino ari urw’ukuri”.
Kagame, umufana akomeye w’umupira w’amaguru kandi akurikiranira hagufi umurwi Arsenal wo muri Premier League, ntashobora kwemera uku kuntu bayasigura.

Ahavuye isanamu, AFP
Kagame yavutse mu 1957, avukira mu muryango wifashe mu gihugu hagati, akaba ari we muto mu bana batandatu.
Ariko ku myaka hafi ibiri, yabaye impunzi mu gihugu kibanyi ca Uganda, ahunga itotezwa n’ubwicanyi mu mpera z’imyaka ya 1950 ari kumwe n’umuryango wiwe n’abandi baharurwa mu bihumbi bo mu bwoko bw’inkehwa z’Abatutsi.
Nubwo yari akiri umwana, Kagame avuga ko acibuka ivyo yabona hakurya. “Twarabona abantu baturira amazu.
Yabwiye Stephen Kinzer, umunyamakuru w’umunyamerika ati: "Bariko barica abantu. Mama yari yihebuye. Ntiyipfuza kuva aha hantu”.
Ubu bwicanyi bwaje inyuma y’uko abakoroni b’Ababirigi bahindutse ubwoko bahoze bashigikira, maze bagashigikira incabwenge z’Abahutu zariko ziriyongera, bamwe muri bo bari barahohotewe n’intwaro ya cami y’Abatutsi.
Urwanda rwaronse intahe y’ukwikukira mu 1962.
Mu mpera z’imyaka ya 1970, Kagame yakoze ingendo zitari nke mu kinyegero mu gihugu ciwe.
Mu gihe yari ku mugwa mukuru Kigali, yarakunda kugendera ihoteri runaka i Kiyovu, kamwe mu duce twari dukize cane muri iki gisagara. Akabare kaho kari gakunzwe n'abanyaporitike, abajejwe umutekano hamwe n’abakozi ba reta bavugavuga utujambo bariko bihereza agacupa inyuma y’akazi.
Kinzer yandika ko Kagame yashobora kwumviriza ibiyago vyabo ariko yinywera agafanta yicaye wenyene ku meza kandi agerageza kugira ngo ntibahave bamwinuba.
Izi ngendo mu gihugu ciwe zarongereje ishaka ryiwe mu mwuga w’igendereza.
Yize ibijanye n’igendereza rya gisirikare muri Uganda hanyuma yinjira mu nyeshamba zitwaye neza muri ico gihugu zirongowe na Yoweri Museveni ari na zo zatumye afata ubutegetsi mu 1986. Mu nyuma Kagame yaronse inyigisho muri Tanzania, Cuba na Amerika.
Mu nyuma niho yarongora igisirikare c’inyeshamba z’Abatutsi zateye Urwanda mu 1990.
Yabwiye Kinzer ati: “[Izi nyigisho] zabaye ngirakamaro. Cuba, mu ntambara zayo na Amerika hamwe n’ubucuti yari ifitaniye n’Uburusiya, yari iteye imbere mu bijanye n’igendereza. Harimwo kandi n’inyigisho za poritike: Urugamba rushingiye kuki? Uzorushigikira gute?”.

Ahavuye isanamu, AFP
Arondera kubandanya urugamba mu kwitaho iterambere ry’igihugu mu vyo ubutunzi – Kagame avuga ko Urwanda rwari kwigana Singapour canke Korea y’Epfo maze rugashika kw’iterambere mu gihe gito.
Nubwo Urwanda rutashoboye gushika ku ntego yarwo yo kuba mu bihugu biri hagati na hagati gushika mu 2020, Prof Reyntjens avuga ko “iki gihugu kirongowe neza”.
“Ingorane mu Rwanda ni intwaro ya poritike, nta kungana kuhari, abatavuga rumwe n’ubutegetsi nta kibanza bafise, nta bwigenge buhari bwo gushikiriza ivyiyumviro, [ibi] bigashobora gusubiza inyuma intambwe zashitsweko n’intwaro nziza y’abahinga”.
Ariko Kagame asigura ko kubona yitabwa n’isinzi ry’abanywanyi mu myiyamamazo yiwe ari akarorero kamwe k’icizere n’urukundo Abanyarwanda bamufitiye n’uko bashaka ko ari we abandanya abarongoye, nubwo igihe kimwe yigeze kuvuga ko gushika mu 2017 yari kuba yamaze gutegura umusubirizi.
Kubera impinduka mw’ibwirizwashingiro, afise uburenganzira bwo kuguma ku butegetsi gushika mu 2034.
Mu kwezi guheze, igihe yariko avuga ivy’ikiringo ciwe ku butegetsi, Perezida Kagame yavugiye kw’iradiyo y’igihugu ati: "Kamere ya buri gihugu ifise ikibanza cayo.
“[Uburengero buvuga ngo]: ‘Oh, umaze igihe kinini cane ku butegetsi’. Ariko iyo si ingorane yanyu. Ni ikibazo kiraba aba banyagihugu hano”.
Aho ari ku bihumbi n’ibihumbi vy’ibirometero muri Amerika, Dr Sebarenzi avuga ko atazi ico kazoza kaziganirije igihugu ciwe, kizwi nk’igihugu c’imisozi igihumbi, ariko akongerako ati: “Kahise katwereka ko mu bihugu aho umukuru w’igihugu akomeye gusumba inzego z’igihugu, ihinduka ry’intwaro rishobora kuvamwo indyane zishikana igihugu mu bihe vy’akajagari inyuma y’ubutegetsi”.










