Amafoto meza ya Afrika yaranze indwi: kuva kw'itariki 13-19 z'ukwezi kwa gatanu mu 2022

Amwe mu mafoto meza yaranze iyi ndwi hirya no hino ku mugabane wa Afrika no mu tundi turere:

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igisagara ca Bekoji wo muri Ethiopia uzwi mu kuba wavutsemwo abanonotsi benshi rurangiranwa aho ku musi wa Mungu abantu bagize umusi mukuru mu gutanguza ubwa mbere ihiganwa rya Great Bekoji Run

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ku musi w'Imana muri Afrika y'Epfo, Semakaleng Mathebula, umudereva wa mbere w'igipurizo cuzuye umwuka ushushe w'umupfasoni muri Afrika y'Epfo ariko aritegura kuguruka ava mu gisagara ca Johannesburg.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umunye Algeria Ichrak Chaib (i bubamfu) ariko aratana mu mitwe na Charlie Cavanagh (i Buryo) wo muri Canada mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mw'ihiganwa mpuzamakungu ryo guterana ingumu mu bigeme ku musi wa gatatu muri Turkia. Chaib ni we yatsinzwe.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umukinyi wa mbere muri tennis ku mugabane wa Afrika, umunye Tunisia Ons Jabeur, ahagararanye n'abafana inyuma y'urukino rwo ku wa gatanu rwa Italian Open

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umunye Eritrea Biniam Girmay yanditse amateka ku musi wa kabiri aho yashika ubwa mbere arangije kuzunguruka incuro 10 mw'ihiganwa rya Giro d'Italia. Abaye umunye Afrika wa mbere w'umwirabure atahukanye itsinzi kuri umwe mu mizunguruko yo guhiganwa n'amakinga.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ubuzima buzimvye buriko buragira ingaruka ku bantu bose ku mugabane wa Afrika, ku musi wa kabiri, i Nairobi ku mugwa mukuru wa Kenya, amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike bari mu myiyerekano imbere y'inama nshingamateka basaba kwongereza ubufasha ku bantu bato bato.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku musi wa gatanu, abashigikiye ubutegetsi bwa gisirikare hamwe na prezida w'Uburusiya bariko barifotozanya n'umugabo yari yambaye icomekerano gisa na Putin igihe abantu bari mu myiyerekano mu mabarabara y'umugwa mukuru Bamako.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Urugendo rweranda ku kibanza ca mbere ca kera c'abayahudi ku mugabane wa Afrika - isinagoga iri mu gisagara ca Djerba - ruriko rurabandanya ku ncuro ya mbere kuva mu 2019 ku musi wa gatatu.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umurimyi wo mu Misri yikoreye umuganda w'ingano yariko arasarura ku wa gatandatu mu gihe ico gihugu kiriko kiragerageza no guhangana n'igabanuka ry'ico giterwa kw'isi.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku musi wa gatatu, umunyamudeli w'umunyarwanda agendana ubumuga yagaragaye mu birori vyo kwerekana imideli ku mugwa mukuru Kigali, vyarimwo abafitaniye ubucuti bufatiye ku gitsina kandi bagisangiye hamwe n'abagendana ubumuga.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Kuri uyu wa gatandatu ibirori vy'umwaka vya Ouaga Fashin Week vyabereye mu mabarabara y'umugwa mukuru wa Burkina Faso gihe aberekana imideli bariko bariko baragira ikarashishi mu micungararo ya Dapoya.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Kw'isoko ry'ibifungurwa i Lagos muri Nigeria, ku musi wa gatandatu, umuguzi n'uwudandaza ifi bagaragaye bariko baraciriranira igiciro c'ifi.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Inzu ndagakaranga yo muri Ethiopia, ahabitswe ibisigarira vy'abantu ba mbere kw'isi, yuguruye imiryango ku buntu ku musi wahariwe inyubakwa mwene izo kw'isi ku musi wa gatatu.

Amasanamu yose tuyafitiye uburenganzira