Africa mu mafoto meza y'indwi duhejeje: 17-23 Kigarama 2021

Amwe mu mafoto meza yo muri Afrika n'ahandi.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku wa mbere, umurisho wa Gishora mu ntara ya Gitega warasubiye kuba uwa mbere mw'ihiganwa ry'imigwi y'ingoma yo mu ntara zose z'Uburundi....

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Iryo higanwa ryari iryo gusozera indwi yahariwe ingoma mu Burundi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Akaranga ko hambere karahimbazwa kandi muri Afrika y'Epfo ku wa gatandatu aho abagore bashizeko umwambaro w'aba-Zulu mw'isabukuru y'akaranga i Durban .

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Hari ibiroi kandi ku murwa mukuru wa Algierie, Algers, ku wa mungu aho umugwi w'igihugu mu mupira w'amaguru, wataha utahukanye intsinzi y'igikombe ca Arab Cup cakiniwe muri Qatar.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku wa kane, umufotozi yafashe ifoto y'uducupa tw'incanco za Covid zataye igihe imbere y'uko zisamburwa mu kibanza co gutamwo imicafu ku murwa mukuru, Abuja.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku wa gatandatu, mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo, umukorerabushake wa Croix Rouge afashe ibendera ry'uwo muryango utabara imbabare mu gihe bagenziwe bariko barahamba abantu bishwe mu gitero giherutse.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Intureka muri ako karere, aho ibigwati n'amakambi vyatewe, yatumye abantu 70.000 bahungira hafi y'ikambi ya ONU muri Rhoo, nk'uko iboneka kuri iyo foto yo ku wa gatatu.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Muri Sudan, uwitavye imyiyerekano ku murwa mukuru , Khartoum, yaje yiteguriye ivyuka bikoroza amosozi ku munsi abantu bihereza amabarabara ngo bibuke imyaka itatu kuva hatanguye imyiyerekano yatumye hatembagara ubutegetsi bwa prezida Omar Bashir ...

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abari mu myiyerekano baragerageza kugira ntibababazwe cane n'ivyo vyuka bikoroza amosozi vyatewe kugira hashwiragizwe abantu ibihumbi n'ibihumbi bitavye imyiyerekano.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igiporisi ku murwa mukuru wa Tunisia, Tunis, cashitse kugira kiburizemwo igandagaza ry'abantu ryari ryateguwe mu kwiyamiriza prezida Kais Saied, yahagaritse inama nshingamateka mu kwezi kw'indwi.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umuhinga mu gupodora ariko aranogerereza umunyamideri mu giteramo co kurata imideri mw'ishamba ry'ibiti vya baobab muri Senegal ku wa gatandatu.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abagenda barasemerera bacuruza ibintu mw'ibarabara i Harare ku murwa mukuru wa Zimbabwe ku wa mbere bariko aragerageza kugurisha inkofero ya Pere Noel na Pere Noel w'igipompano.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku wa kane, ababa ku murwa mukuru wa Misiri, Cairo, bariko barifata selfie iruhande y'igiti ca Noel cakaka amatara.

Amafoto yose afitiwe uruhusha.