Bob Marley: Kwibuka imyaka 40 iheze iyo mboneza ipfuye

Imyaka 40 iraheze kuva umuririmvyi wa reggae yasize izina Bob Marley yishwe na cancer i Miami, ku myaka 36, hari ku wa 11 ukwezi kwa gatanu mu 1981.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bob Marley ari Londres mu 1977

Uwo munyamuziki n'umwe mu bakundwa kandi bemewe cane muri kahise k'umuziki, ku ndirimbo nyinshi zabiciye bigacika nka No Woman No Cry, One Love, na Redemption Song.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bob Marley mu giteramo i Houtrust Hallen mu gisagara ca La Haye (mu Buholandi), mu 1977 (haruguru no hepfo)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Indirimbo yiwe Buffalo Soldier niyo yabaye rurangiranwa kurusha izindi mu Bwongereza, aho yagiye mu kibanza ca kane mu kwezi kwa gatanu mu 1983.

Album [urukurikirane rw'indirimbo] yo mu 1977 Exodus yiswe Album y'Ikinjana n'ikinyamakuru Time Magazine.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bob Marley mu giteramo muri Amerika 1979

Marley yavutse mu 1945, kuri se w'umuzungu na nyina w'umwirabure, muri Jamaica.

Nk'umwana yakuriye mu bukene kandi nta migenderanire myinshi bari bafitaniye na se, uwo akaba yari asanzwe ari umusirikare wo mu mazi yakorera reta y'Ubwongereza.

Yavuye iwabo ku myaka 14 aja gutangura umwuga w'umuziki i Kingston.

Mu 1972, Marley yashitse mu Bwongereza n'umugwi wiwe The Wailers kuremesha ibiteramo na Johnny Nash mu ntumbero yo kugerageza kumenyekana ku rubuga mpuzamakungu.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, The Wailers (Earl Lindo, Aston Barrett, Bob Marley, Peter Tosh, Carlton Barrett na Bunny Wailer) bifotoza mu 1973 i Londres

Mu mwaka ukurikira, The Wailers basohoye album yabo Catch a Fire baca bakora igiteramo cabo ca mbere kuri television kuri BBC.

Ico giteramo cagize ingaruka nini cane gica kibazanira abakunzi benshi ku bo bari basanganywe.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bob Marley n'aba I-Threes (Judy Mowatt, Rita Marley na Marcia Griffiths) bari kumwe mu giteramo mu nyubakwa y'ibiteramo Rainbow Theatre i Londres mu 1977

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bob Marley ariko aravugiriza mw'i hoteri i Londres mu 1978

Inyuma y'urundi rugendo rw'ibiteramo mu 1975, yafashe amajwi ikibiriraho indirimbo No Woman No Cry kuri The Lyceum, i Londres, ica isohoka yonyene (single) ibera Bob Marley indirimbo yiwe mbere yagiye ku rutonde rw'izikundwa cane mu Bwongereza.

Uwo muririmvyi yaciye aja mu murongo w'abaririmvyi bakomeye kw'isi aca aba izina rizwi mu aho uciye hose.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bob Marley ariko aremesha igiteramo kuri West Coast Rock Show muri Ninian Park i Cardiff, mu 1976 (haruguru no hepfo)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Marley yari azwi ku kwemera kwiwe gushingiye kuri Rastafarism, hamwe n'umugore wiwe, Rita, idini rikaba ryaragaragara mu ndirimbo ziwe.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bob Marley mu 1979 muri Hollywood Tower Records, California, Amerika

Uwo muririmvyi yarakunda kandi cane umupira w'amaguru, vyari bizwi ko acishamwo akaja gukina iyo afashe akaruhuko mu gihe co gutegura indirimbo (muri studio) canke imbere yo kuremesha igiteramo.

Ahavuye isanamu, Alamy

Insiguro y'isanamu, Bob Marley (hagati) ari kumwe n'umukinyi w'umupira w'amaguru Paolo Cesar Caju (i bubamfu) hamwe n'umuririmvyi n'umwanditsi w'indirimbo Chico Buarque (i buryo) ku kibuga c'umupira i Rio de Janeiro , Brezil , 1980

Mu kiganiro mu 1980 yavuze ati: "Nkunda umuziki imbere yo gukunda umupira."

"Gukina umupira w'amaguru no kuririmba n'ibintu bibangamye kuko umupira urimwo kubabazanya. Ndirimba amahoro, urukundo n'ibindi nk'ivyo, urabona uriko urakina ntawuzi igishobora gushika,

"Umuntu aguteze akakubabaza umenga ibaye intambara."

Igiteramo c'ikibiriraho ca nyuma ca Bob Marley mu Bwongereza cabaye itariki 13 ukwezi kw'indwi mu 1980 muri New Bingley Hall, Stafford.

Marley yaciye apfa mu mwaka ukurikira ahitanywe n'indwara ya melanone acral-lentigineux yari yatowe mu 1977. Yashinguwe aho yavukiye muri Jamaica mu kigwati ca Nine Mile.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bob Marley mu 1978

Amafoto yose n'aya nyeneyo.