Africa muri ino ndwi mu mafoto: 30 z'ukwa cumi - 5 z'ukwa cumi na rimwe 2020

Ihitamwo ry'amafoto meza yo muri ino ndwi ku mugabane no hanze yawo:

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu gihe amasengero yitegurira gusubira kwugurura muri Senegal nyuma yo kwugarwa mu kwirinda coronavirus, kuwa Mungu umukozi ariko arasukura isengero ku murwa mukuru Dakar

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kuwa gatanu, muri Afrika y'epfo abapolisi i Tshwane bariko baramena amaritiro 2000 y'inzoga batse abazifise ata ruhusha, bazimena mu muserege

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu rukino i Paris kuwa Mungu, umunye Afrika y'epfo Gerbarandt Grobler, yambaye ivy'irabura, arwanira umupira igihe Stade Francais yariko irakina na Toulouse i Paris.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abashigikiye umugambwe uri ku butegetsi muri Tanzania, Chama Cha Mapunduzi, bahuriye hamwe kuwa gatanu baje kwigina intsinzi y'abakandida babo mu matora y'umukuru w'igihugu i Zanzibar, atumvikanyweko na bose…

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, …nyuma y'iminsi itatu kwigina vyabaye ivy'icese, mu muhango wo kurahiza umukuru w'igihugu mushasha wa Zanzibar, Hussein Mwinyi.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imvura nyinshi kuwa gatanu ntiyabujije uyu mudandaza w'ibifyera kubandanya akora, kw'isoko rya Adjamé mu muji mukuru wa Cote d'Ivoire, Abidjan…

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, …umunsi ukurikira, mu kindi gice c'umuji abantu baratonze kugira batore mu matora y'umukuru w'igihugu…

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, …kwitabira amatora biri ku rugero rwa 54% mu matora abatavuga rumwe na leta banse kwitabira…

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, …kuri uwo munsi nyene abapolisi bakumira imyigaragamvyo bagiye mu mabarabara ya Abidjan ngo bashwiragize abatavuga rumwe na leta…

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, …hanyuma kuwa kabiri, amazu yarasambuwe mu migumuko hagati y'ababa mu mihana yegeranye ishigikiye abanyepolitike batandukanye i Toumodi, hagati muri Cote d'Ivoire…

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, …umunsi ukurikira umufotozi yafashe icapa kiri kw'ikamyo yahiye gihamagarira guhagarika ubwicanyi.