Agahungu k'imyaka 4 kazize gusoma uwo bigana w'imyaka 3 mu Misiri
Ahavuye isanamu, AFP
Agahungu k'imyaka ine kajanywe muri sentare mu gihugu ca Misiri kagirizwa gusoma uwo bigana w'imyaka itatu.
Se wako yabwiye ikinyamakuru cigenga al-Mehwar TV ko vyose vyatanguye igihe se w'umukobwa yamubona asoma umwana wiwe.
Urwo rubanza rwahavuye rurangira igihe umucamanza ajejwe imanza z'abana ahitwa Damanhour, mu buraruko bushira uburengero bwa Cairo, afatiye ingingo yo gufuta urwo rubanza.
Uwo mucamanza yaguye mu nda ako gahungu, imbere yuko akarekura ngo kagende.
Amafoto y'ako gahungu na se batwenga bavuye muri sentare, yahererekanywe cane ku mbuga hwaniro.
Abantu benshi baguma bibaza ingene ivyo vyovamwo urubanza.
Izindi nkuru za Misiri
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}