Ibigwanisho vy'ubumara vyishe abantu 70 muri Syria

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abantu bashika 80 bapfuye abandi benshi barakomerekera mu gitero c'i Khan Sheifhoun

Abantu boba bashika ku 70 biciwe mu gikekwa ko ari igitero c'ibirwanisho vy'ubumara i Douma, igisagara ca nyuma kikiri mu minwe y'abagwanyi, mu buseruko bwa Ghouta muri Syria nk'uko bivugwa n'abajejwe gutabara hamwe n'abaganga.

Abajejwe guttabara berekanye kuri tweeter amasanamu y'ibiziga biri mu nzu yo mu kuzimu.

Bavuga ko igitigiri c'abapfuye gishobora kwongerekana.

Nta nkuru ata ho zegamiye ziraboneka kuri ivyo bivugwa.

Ahavuye isanamu, EPA/SANA

Insiguro y'isanamu, Ibinyamakuru vya reta ya Syria bivuga ko abanyagihugu basanzwe bishwe abandi barakomeretswa n'ibikoho vya muzinga vy'abagwanyi mu micungararo ya Damas

Reta ya Syria ivuga ko izo nkuru z'ibitero hakoreshejwe ibirwanisho vy'ubumara ari "impimbano".

Amerika ivuga ko "hashobora kuba igitigiri kinini c'abahitanywe n'ico gitero", harimwo n'imiryango yari yarahunze.

Yavuze ko Uburusiya- busanzwe "bufashe mu mugongo ku mugaragaro" reta ya Syria - "bafise uruhara" muri ico gitero kivugwa.

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba reta bariko baratuza abagwanyi mu gisagara ca Douma