ONU yasavye amakungu kworosha amategeko agenga abimukira
Ahavuye isanamu, Getty Images
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yasavye amakungu kworosha amategeko atuma bigorana kwimukira mu bihugu.
Ngo mu gihe ayo mategeko yokworoshwa, vyotuma abimukira batabwirizwa guca mu buryo bw'amagendo.
Ibi yashikirije mu nama rusangi ya ONU bije imbere y'ibiganiro vyanyuma ku mwumvikano ku kibazo c'abimukira.
Bwana Guterres yavuze ko uruja n'uruza rw'abantu ari ikintu ngirakamaro ku buzima bw'isi ngo kandi ibihugu bishiraho inzitizi, nta kindi vyunguka atari kubangamira ubutunzi bwavyo.
Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kivuga ko kitazoja muri uwo mugambi.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}