G7 yavuze ko ata bihano izofatira Uburusiya
Ahavuye isanamu, Reuters
Inama y'ibihugu biteye imbere kurusha ibindi, G7, ntiyashoboye kwumvikana ku bihano vyofatigwa Uburusiya na Syria.
Abashikiranganji b'imigenderanire n'amakungu bariko barondera guhuriza ku nyishu rusangi ku ndyane zo muri Syria, imbere yuko umushikiranganji w'imigenderanire ya Amerika aja mu Burusiya kubugondoza kuva kuri Syria.
Ivyo bihugu vyemeye ko ata nyishu ishobora kuboneka ku ndyane ziri muri Syria, mu gihe Prezida Assad akiri ku butegetsi.
Ivyo Ubwongereza bwasaba ko abasirikare bakuru bohabwa ibihano, navyo nyene vyigijwe hirya.
Iyo nama yabera mu gisagara ca Lucca mu Butaliyano, yakurikiranye n'igitero co muri Syria, bivugwa ko hakoreshejwemwo ubumara.
Syria yarahakanye ko itigeze igaba igitero c'ubumara ku gisagara ca Khan Sheikhoun kigenzugwa n'inyeshamba mu ndwi iheze, cahitanye abantu 89.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka