Abaririmvyi ba Abba bahuye inyuma y'imyaka 30
Ahavuye isanamu, Rex Features
Abaririmvyi bane bari bagize umugwi wa Abba, babonetse bari kumwe mu gihugu ca Suede, aho batangaje ababakunda igihe baririmbira hamwe.
Abo baririmvyi rurangiranwa bashitse ku musi w'Imana mu birori bisanzwe, kwigina imyaka 50 irangiye abanditse indirimbo ya Bjorn Ulvaeus na Benny bakorera hamwe.
Muri ivyo birori, Agnetha Faltskog na Anni-Frid Lyngstad baririmvye ururirimbo "The Way Old Friends Do".
Mu nyuma Ulvaeus na Anderson baja hamwe na bo bagira barangize urwo ruririmbo, buba bubaye ubwa mbere bahura baririmbira hamwe mu myaka irenga 30.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}