Ba nyamweru barageramiwe muri Malawi
Ahavuye isanamu, AFP
Ibiharuro bitangwa n'ishirahamwe mpuzamakungu vyerakana ko ba nyamweru batari munsi ya 65 banyurujwe, baciwe ibihimba canke bishwe kuva mu 2014.
Amnesty International iravuga ko abana ari bo babangamiwe kurusha abandi.
Ba nyamweru bakunze kwizizirwa n'ubwo bwicanyi kubera abapfumu bibaza ko imibiri yabo yoba ifise ububasha bwo guter'umutwe mwiza canke kurwiza umugisha.
Iryo shirahamwe riravuga ko igitigiri c'ivyo bitero kitiyongereye n'ubwo leta ya Malawi yatanze amategeko ko uwo wese azofatwa anyuruza umunyamweru azoca arasigwa aho afatiwe.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}