Kenya mu mafoto inyuma y'imenyekana ry'umukuru w'igihugu mushasha

Inyuma y'intsinzi ya prezida Uhuru Kenyatta mu matora y'umukuru w'igihugu muri Kenya, abamushigikiye bo mu mugambwe Jubilee baciye bihereza amabaraba mu munezero, mu giha abatavuga rumwe na bo, bo mu runani NASA, bari bahanganye n'igipolisi biyamiriza ivyayavuyemwo.

Insiguro y'isanamu, Abagize akanama kajejwe gutegura amatora muri Kenya, IEBC, kariko karashira umukono ku vyayavuyemwo mu kibanza ca Bomas i Nairobi
Insiguro y'isanamu, Abayoboke ba Jubilee mu munezero wo kwigina intsinzi ya Uhuru Kenyatta
Insiguro y'isanamu, Abanywanyi b'umugambwe Jubilee barindiriye ko akanama gajejwe gutegura amatora gasikiriza uwatsindiye ikibanza c'umukuru w'igihugu mu kibanza ca KICC (Kenyatta International Convention Center)
Insiguro y'isanamu, Umupfasoni yari muri KICC wo mu mugambwe wa Jubilee mu munezero w'uko prezida Uhuru Kenyatta atahukanye intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu
Insiguro y'isanamu, Abanywanyi ba Jubilee banezerejwe n'intsinzi ya Uhuru Kenyatta i Nairobi muri Kenya
Insiguro y'isanamu, Abatavuga rumwe na reta bo mu runani NASA baturiye amapine mu mabarabara yo mu gisagara ca Kisumu, mu karere ka Kondele biyamiriza intsinzi ya Uhuru Kenyatta
Insiguro y'isanamu, Mu karere ka Dandora mu gisagara ca Nairobi, igipolisi catanye mu mitwe n'abanywanyi ba NASA biyamiriza ivyavuye mu matora
Insiguro y'isanamu, Mu gisagara ca Garisa, ubuzima bwasubiye kumera nka mbere
Insiguro y'isanamu, Hagati mu gisagara ca Nairobi, amaguka amwe amwe, amahoteli n'inzu z'uburiro vyuguruye