Croatia 2-1 Ubwongereza: Abakunzi ba Croatia mu munezero wo gutsinda Ubwongereza, i Londres na bo bari mu mubabaro

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abakunzi ba Croatia bariko barigina intsinzi i Zagreb

Abakunzi ba Croatia biginye intsinzi gushika buce inyuma y'aho igihugu cabo gitsindiye Ubwongereza mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu gikombe c'isi mu Burusiya, bakaba bashitse mu gice ca nyuma ku ncuro ya mbere.

Croatia yatsinze ibitego 2-1 inyuma y'aho umwanya wategekanijwe w'urukino urangiriye banganya igitego 1-1.

Abakunzi b'umugwi wa Croatia baciye binjira mu kibuga kiri hagati ku mugwa mukuru w'ico gihugu ca Zagreb baririmba bashira n'ibendera y'ico gihugu hejuru. Bamwe baciye basimbira mu mazi ari mu nkengera y'ico kibuga.

Ingene ibitego vyinjiye

Kieran Trippier Ku munota wa 5 Croatia 0-1 Ubwongereza

Ivan Perisic ku munota wa 68 Croatia 1-1 Ubwongereza

Mario Mandzukic ku munota wa 109 Croatia 2-1 Ubwongereza

Croatia n'igihugu c'abantu imiliyoni zine kandi ni kimwe mu bihugu bifise abantu bake bimaze gushika mu gice ca nyuma c'igikombe c'isi.

Bazohura n'Ubufaransa ku kibuga ca Luzhniki mugisagara ca Moscou ku musi w'Imana mu rukino rwa nyuma isaha zibiri z'ijoro mu Rwanda no mu Burundi.

Mu gihe muri Croatia akamwemwe kari kose, abongereza bari mu gahinda n'umubabaro wuzuye amarira.

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abakunzi ba Croatia bariko barigina intsinzi i Zagreb

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abakunzi ba Croatia baje ari benshi ku kibuga ca Zagreb

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abakunzi ba Croatia bariko baratambira mu mazi mu kwigina intsinzi ku mugwa mukuru Zagreb.

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida wa Croatia Kolinda Grabar Kitarovic (i bubamfu) yahaye umuhsikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May umupira ico gihugu cambara mu gihe babonanira mu nama ya Otan i Bruxelles mu Bubiligi.

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukinyi wo hagati wa Croatia Luka Modric (hagati) ari kumwe na Mario Mandzukic (i buryo) bariko biginza intsinzi ku kibuga ca Luzhiniki, i Moscou mu Burusiya
Insiguro y'isanamu, Uyu mukunzi wa Croatia yitwa Daniel yiginye intsinzi ariko aranywa inzoga yabwiye BBC ko "Iyi ntsinzi irahambaye cane" kuri ico gihugu gito

Uko vyari vyifashe mu Bwongereza:

Batanguranye icizere inyuma yo kwinjiza igitego mu minota ya mbere ariko mu nyuma baza gucika inkokora.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Icizere kiraheze: Abakunzi b'Ubwongereza bariko barahozanya mu kibanza ca Hyde Park mu gisagara ca Londres

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Umwana muto yari ashigikiye umugwi w'Ubwongereza Castlefield Bowl, Manchester

Mu kibanza ca Hyde Park, i Londres, abakunzi b'umugwi w'Ubwongereza bashika 30.000 ni bo baje kuraba urwo rukino rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma, kandi mu Bwongereza abantu barakoranira hamwe mu kuraba inkino mu gisagara ca Londres kuva ku nkino za Euro 96.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Uyu mukunzi w'Ubwongereza yararengeje mu kwishima imbere y'uko urukino rutangura mu Burusiya

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Uwushigikiye Ubwongereza ariko yerekana umunezero afise imbere y'uwushigikiye Croatia imbere y'uko urukino rutangura mu Burusiya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abakunzi b'umugwi w'Ubwongereza i Hyde Park imbere y'uko urukino rutangura

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Mu gihe c'umwanya w'inyongera i Hyde Park

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Abakunzi b'umugwi w'Ubwongereza bariko bariyuha iryosozi i Manchester
Insiguro y'isanamu, I Manchester mu munezero inyuma y'aho Ubwongereza butsindiye igitego ca mbere

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abakunzi b'umugwi w'Ubwongereza mu marira i Brighton Beach

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abakunzi b'umugwi w'Ubwongereza bambaye isura ya Harry i Brighton Beach

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukunzi w'Ubwongereza, Hyde Park

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Ingene abakunzi b'Ubwongereza bari mu munezero mu ntango Nottingham Castle
Insiguro y'isanamu, Lily Harkin w'imyaka umunani yari yanditse mu mugongo wa Cole Bryceland, i Nottingham icizere "Igikombe kirataha muhira" ariko mu nyuma vyagaragaye ko Ubwongereza buzotahuka butazanye igikombe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Imitima yari mu kirere i Millennium Square, Leeds

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Agahinda i Hyde Park