CECAFA y'abatarenza 17 yatanguye mu Burundi
Ihiganwa rya CECAFA ry'abakinyi batarenza imyaka 17 y'amavuko ryatanguye mu Burundi, umugwi Harambee Stars wa Kenya ukaba watsinze Intamba z'u Burundi 4-0 mu rukino rwo kwugurura ihiganwa.
Izo nkino zugurujwe icese n'icegera c'umukuru w'igihugu Gaston Sindimwo mu ntara ya Muyinga, ibihugu umunani bikaba arivyo vyaryitavye.
Urwo rukino rwarangiye ku ntsinzi ya Kenya y'ibitsindo bine ku busa bw'u Burundi.
Urwo rukino rwabereye ku kibuga c'umupira, Stade Umuco i Muyinga.
Iryo higanwa rizobandanya gushika itariki 28 Ukwezi kwa Kane.
Urikino rwa nyuma rukazokinirwa i Ngozi.
Iryo higanwa ribera ku bibuga vy'i Muyinga, i Ngozi na Gitega.
Ibihugu vyitavye iryo higanwa ni U Burundi, Kenya, Tanzania, Uganda, Somalia, Ethiopia, Sudan na Zanzibar.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka