Imbeya, iminyororo, intete: Amwe mu mafoto ya mbere meza yo muri Afrika

Amwe mu mafoto ya mbere meza yo muri iyi ndwi muri Afrika

Ahavuye isanamu, JOHN WESSELS/AFP

Buca haba amatora y'umukuru w'igihugu muri Mauritania, umugabo ashitse ku musigiti Grand Mosque i Nouachott mu masengesho yo ku wa gatanu...

Ahavuye isanamu, JOHN WESSELS/AFP

Haheze iminsi abashigikiye umukuru w'igihugu yari ahasanzwe bariko barigina intsinzi ko yasubiye gutorwa. Uwo bahiganywe , uwurwanya ubuja/ubucakara, avuga ko amatora yibwe.

Ahavuye isanamu, LEON NEAL/GETTY IMAGES

Ku wa gatandatu, Ayra Starr abaye umuririmbyi wa mbere wa Afrobeats aririmbiye kuri Pyramid mw'isabukuru ya Glastonbury Festival muri UK...

Ahavuye isanamu, OLI SCARFF/AFP

Yakurikiwe bukeye na mugenziwe wo muri Nigeria Burna Boy.

Ahavuye isanamu, GILBERT FLORES/GETTY IMAGES

Ku wa mungu kandi, umuririmvyi wo muri Afrika y'Epfo, Tyla yagaragaye mw'ihiganwa rya BET awards muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika hanyuma atahana uudushimwe tubiri.

Ahavuye isanamu, BORJA B HOJAS/GETTY IMAGES

Silvio De Sousa wo muri Angola na Willy Hernangomez wo muri Espagne bariko bararwanira umupira mu rukino rwa basketball rwo kurondera itike yo kuja mu nkino za Olympic.

Ahavuye isanamu, THOMAS SAMSON/AFP

Umunya-Eritrea asiganwa kw'ikinga Biniam Girmay ahejeje gutsinda agace ka gatatu ka Tour de France ku a mbere. Abaye umunya-Afrika wa mbere w'umwirabure atsinze kamwe mu duce 21 tw'iryo higanwa riba buri mwaka.

Ahavuye isanamu, ISSOUF SANOGO/AFP

Abarovyi bavuye mu mazi bazanye ku musenyi wa Abidjan ifi bafashe , ku wa mungu.

Ahavuye isanamu, DYLAN BUELL/GETTY IMAGES

Umunsi ukurikira, umugore w'umunya-Nigeria akina golf ariko arakina mw'ihiganwa rya Dow Championship muri Amerika.

Ahavuye isanamu, BONIFACE MUTHONI/GETTY IMAGES

Imyiyerekano yarabandanije ku wa kabiri muri Kenya n'ubwo hahebwe integuro abanyagihugu baterekwa yo kuduza amakori...

Ahavuye isanamu, BONIFACE MUTHONI/GETTY IMAGES

Abakiri bato ni bo bagiye imbere muri iyo myiyerekano mu bisagara vyo hirya no hino mu gihugu.

Ahavuye isanamu, FETHI BELAID/AFP

Hanyuma ku wa gatanu, mu gisagara ca Nabeul muri Tunisia, umugore ariko arasanza couscous ku zuba ngo yume.