Amafoto adasanzwe mu birori vyo sa kwugurura inkino za Olempike Paris 2024

Ahavuye isanamu, François-Xavier Marit/AFP

    • Umwanditsi, George Burke
    • Igikorwa, BBC News
  • Igihe co gusoma: iminota 6

Ibirori vyo kwugurura inkino za Olempike biha igihugu cazakiriye akaryo ko kwereka isi yose ibitangaza vyaco mu birori bidasanzwe kandi vyihariye.

Ni vyo vyaraye bibaye mu kwugurura Inkino za Olempike za Paris 2024 - abaziteguye bahevye umuco kama w'ibirori, maze ziba inkino za mbere za Olempike zigururiwe mu gisagara cose aho kuzugururira mu kibuga.

Ibihumbi n'ibihumbi vy'abanonotsi n'abanyatugenegene bakoze urugendo ku ruzi Seine ku mugoroba w'imvura, imbere y'uko ikirere c'ijoro n'Umunara wa Eiffel vyakirizwa amatara y'amabara y'akaroruhore kandi ku buhinga bwo hejuru, ikirori cihariye.

Raba amwe mu mafoto y'akaroruhore yaranze iri joro ryakeye.

Ahavuye isanamu, Paweł Kopczyński/Reuters

Inyuma y'urugendo rw'amezi atatu kuva mu Bugiriki gushika i Paris, urumuri rwa Olempike rwashikirijwe Zinedine Zidane yahoze ari umukinyi w'umupira w'Ubufaransa, imbere yo gushikirizwa ibihangange mu rukino rwa tennis Rafa Nadal na Serena Williams.

Ahavuye isanamu, Cameron Spencer/Getty Images

Ahavuye isanamu, Evgenia Novozhenina/Reuters

Insiguro y'isanamu, Rafael Nadal wa Espagne hamwe na Serena Williams na Carl Lewis bikoreye uru rumuri rwa Olempike baboneka bari mu bwato ku ruzi Seine mu birori vyo kwugurura inkino za Olempike Paris 2024

Muri ivyo birori vy'akataraboneka, umukinyi wa judo Umufaransa Teddy Riner hamwe n'umunonotsi yiruka intera ngufi Marie-Jose Perec bakoresheje uru rumuri rwa Olempike mu kudomeka iziko ry'igipulizo kinini cane categerezwa kugururirwa mu kirere.

Iki gipulizo kinini caka cane caguruwe hejuru y'igisagara ca Paris nk'ikimenyetso c'uko izi nkino za mbere zikomeye kw'isi zitanguye.

Ahavuye isanamu, Marko Đurica/Reuters

Ahavuye isanamu, Miguel Tona/EPA

Ahavuye isanamu, Jung Yeon-Je/AFP

Umwotsi ufise amabara y'ibendera ry'umurwi w'Ubufaransa wabonetse ku kiraro ca Austerlitz muri ibi birori vyo kwugurura Inkino za Olempike Paris 20204 nijoro ku wa 26 Mukakaro (7) 2024 i Paris mu Bufaransa.

Ahavuye isanamu, Lars Baron/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwotsi ufise amabara y'ibendera ry'umurwi w'Ubufaransa wabonetse ku kiraro ca Austerlitz muri ibi birori vyo kwugurura Inkino za Olempike Paris 20204 nijoro ku wa 26 Mukakaro (7) 2024 i Paris mu Bufaransa.

Abafana n'abarorerezi batamariwe bari barindiranye igishika ibi birori, kandi n'imvura yariko irabanyagira ntaco yababwiye.

Ahavuye isanamu, Tingshu Wang/Reuters

Ahavuye isanamu, Steph Chambers/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uno mugore yatamariwe ariko ararrorera ibi birori, inzara ziwe zari zisize n'amabendera n'ibimenyetso vy'ibihugu bitandukanye.

Ahavuye isanamu, Oli Scarff/AFP

Insiguro y'isanamu, Abarorerezi bari bicaye imbere y'umunara wa Eiffel imvura ari je je je.

Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yari yitavye ibi birori ari kumwe n'umukuru wa komite mpuzamakungu ya Olempike Thomas Bach.

Ahavuye isanamu, Martin Divíšek/EPA

Insiguro y'isanamu, N'akamwemwe, Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yari muri ibi birori ari kumwe n'umukuru wa komite mpuzamakungu ya Olempike Thomas Bach.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer na we nyene yarabutswe ariko arorera ibi birori, asa n'uwari yiteguriye imvura yariko iragwa.

Ahavuye isanamu, Kai Pfaffenbach/Reuters

Insiguro y'isanamu, Uyo yambaye impuzu isa n'ubururu yo kwikinga imvura ni umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer na we nyene yari muri ibi birori ari kumwe n'abandi banyacubahiro.

Ivyamamare bitari bike vyari vyitavye ibi birori, harimwo umuririmvyikazi wa Amerika Ariana Grande ari kumwe na mugenziwe w'Umwongerezakazi Cynthia Erivo.

Ahavuye isanamu, Christophe Petit-Tesson/PA Media

Nk'uko vyari vyitezwe, ibihumbi n'ibihumbi vy'abasirikare n'abapolisi bari banyanyagijwe mu gisagara cose mu ntumbero yo gutsimbataza umutekano .

Ahavuye isanamu, Franck Fife/AFP

Ahavuye isanamu, Teresa Suarez/EPA

Insiguro y'isanamu, Abajejwe umutekano bari bashizwe ku gisenge c'ingoro y'inama nshingamateka y'Ubufaransa mu gihe c'ibirori vyo kwugurura inkino za Olempike Paris 2024.

Muri ico gihe cose c'ibirori, umuntu w'amayobera yiyoberanije mu maso yikoreye urumuri yaguma yiruka mu gisagara aca hejuru y'amazu ku nkengera z'uruzi.

Ahavuye isanamu, Bernat Armangué/Reuters

Ahavuye isanamu, Peter Cziborra/Pool/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuntu yiyoberanije yari afise urumuri yabonetse yiruka aca ku gisenge c'inzu ndangakaranga ya Orsay (Musee d'Orsay) hamwe no kw'Isengero nkuru ya Notre-Dame-de-Paris muri ivyo birori

Amato y'imirwi yaserukiye ibihugu bitandukanye kw'isi yose, bazungurutse mu ruzi Seine, bafise n'amabendera n'ibihugu vyabo mu munezero.

Umwibizi w'Umwongereza Tom Daley hamwe na Helen Glover ahiganwa mu kugendesha ubwato bikoreye ibendera ry'igihugu cabo.

Ahavuye isanamu, Naomi Baker/Reuters

Ahavuye isanamu, Amanda Perobelli/Reuters

Ahavuye isanamu, Aijaz Rahi/AP

Insiguro y'isanamu, Abanonotsi b'Ubuhindi

Ahavuye isanamu, Michael Reaves/Reuters

Insiguro y'isanamu, Abanonotsi basesukiye Kenya bifotoje imbere y'uko ibirori bitangura

Ahavuye isanamu, Violeta Santos Moura/Reuters

Insiguro y'isanamu, Abanonotsi ba Espagne bazungagiza amabendera y'igihugu cabo mu birori vyo kwugurura

Ahavuye isanamu, Steph Chambers/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abanonotsi b'Ubushinwa Yu Feng na Long Ma, n'amabendera y'igihugu cabo mu bwato mu ruzi Seine

Ibi bikorwa vyaranzwe n'ibirori vy'ubwoko bwose uhereye kuri Lady Gaga, abacuraranzi bo mu bubare, abahinyanyuzi batandukanye gushika no kuri Celine Dion.

Ahavuye isanamu, Maja Hitij/Getty Images

Ahavuye isanamu, Wang Dongzhen/Getty Images

Ahavuye isanamu, Maddie Meyer/Getty Images

Ahavuye isanamu, Bernat Armangué/AP

Ahavuye isanamu, Pilar Olivares/Reuters

Insiguro y'isanamu, Abanyatugenegene bambaye amakanzu yera bahagaze ku kiraro Alexandre III mu birori vyo kwugurura inkino za Olempike Paris 2024 mu gihe ubwato bwaca musi yabo.

Ahavuye isanamu, Ludovic Marin/AFP

Insiguro y'isanamu, Umuririmvyikazi wa Canada Celine Dion yaririmbiye ku Munara wa Eiffel muri ibi birori vyo kwugurura inkino za Olempike Paris 2024 nijoro ku wa 26 Mukakaro 2024