Uko Goma yiriwe yifashe kuri uyu wa mbere mu mafoto

Insiguro y'isanamu, Hari abantu baboneka bikoreye ku mutwe imifuko yera, hafi y'ikibuga c'indege ca Goma
Igihe co gusoma: iminota 2
Insiguro y'isanamu, Amasanamu ya video yasuzumwe na BBC yerekana abanyororo batoroka bava mw'ibohero

Ahavuye isanamu, Moise Niyonzima / EPA

Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba FARDC bicaye hasi inyuma yo gushikiriza ibirwanisho vyabo abasirikare b'Urwanda bamaze guhunga Goma aho bariko batana mu mitwe n'umugwi M23

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abasirikare b'Urwanda bakiriye abo muri RD Congo bajabutse bahunze intambara ya Goma

Ahavuye isanamu, Moise Niyonzima / EPA

Insiguro y'isanamu, Umusirikare w'Urwanda RDF ariko asuzuma imwe mu nkoho zashizwe hasi n'abasirikare ba RD Congo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Bamwe mu basirikare ba Congo biravugwa ko bishikanye ubwabo ku ngabo z'Urwanda

Ahavuye isanamu, Jospin Mwisha / AFP

Insiguro y'isanamu, Mu gisagara ca Goma, bamwe batanguye guhunga ico gisagara barondera aho bokwikinga

Ahavuye isanamu, Jean Bizimana / Reuters

Insiguro y'isanamu, Abaharurwa mu bihumbi barondera uko bava mu gisagara ca Goma

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Rubavu ihana urubibe na Goma

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu ba Goma batanguye gukura meza, abarwanyi ba M23 bamaze kugera muri ico gisagara

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Imodokari za bisi (bus) zarindiriye hafi y'umupaka kugira ngo zitware abakozi b'amashami ya ONU

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ibitero ku muji wa Goma vyateje akaga ku banyagihugu basanzwe

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Mu kiringo kitarenze ukwezi, gusatira ibice birimwo ivyegereye Goma muri iyi ntambara, kwatumye abarenga 400.000 bata ingo zabo