Amerika na Irani mu rugamba rwo guhiga umwe mu bari mu ndege yakorowe ejo yaburiwe irengero

Ahavuye isanamu, Getty Images

Igihe co gusoma: iminota 2

BBC yabonye videwo yerekana ikiboneka ko ari indege ya Amerika iherekejwe na kajugujugu zibiri mu bumanuko bwa Irani, mu gihe igikorwa co guhiga umusirikare yari muri ya ndege y'intambara F-15 yakorowa ejo ku wa gatanu kibandanya.

Amerika iri mu gikorwa kitoroshe na gato co kurondera uno mukozi wo muri iyi ndege yari ajejwe gukoresha ibirwanisho vy'iyi ndege.

Umudereva w'iyi ndege yarashoboye gutabarwa, ariko uyu wewe gushika ubu ntarashobora kuboneka. Nta wuzi nimba akiraho canke atakiriho, nimba yarakomeretse, nimba yinyegeje.

Ni igikorwa kigoye nubwo abajejwe ibikorwa nk'ibi baba bamaze imyaka bitegurira ibihe nk'ibi.

Ikihari ubu, ni uko yaba Amerika, yaba Irani, impande zompi ziriko zica ku biti no ku mabuye zimurondera, ariko gusa ku ntego zitandukanye.

Iki gikorwa gifatwa nk'igishobora kugira ingaruka kanaka mu vya poritike.

Laurel Rapp arongoye igisata kijejwe Amerika y'uburaruko mu kigo Chatham House, yabwiye ikiganiro Today ca Radio 4 ko gutabara uno mukozi w'iyi ndege yakorowe ari "igikorwa kitoroshe".

Avuga ko ari nka hamwe Irani yoramuka itoye uno musirikare, maze ikamugaragaraza ku mboneshakure, yoba ari intsinzi idasanzwe kuri Irani, kandi kikaba igikoresho gikomeye yokoresha mu vyo isaba kuri iyi ntambara.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Avuga kandi ko vyotuma Abanyagihugu ba Amerika barushirizaho kwiyamiriza iyi ntambara isanzwe itabonwa ryiza muri ico gihugu.

Ati: "Mu gihe yofatwa hanyuma amashusho yiwe akerekanwa, bishobora guhindura cane ukuntu Abanyamerika babona iyi ntambara".

Yongerako ati: "Ubu, intego z'iyi ntambara … ziracarimwo igipfungu kandi ibintu bibandanya biba nabi gusumba".

Hagati aho, Irani yemereye agashimwe k'ibihumbi birenga 60 vy'amadorari y'Abanyamerika abantu bofasha kugira ngo uno musirikare wa Amerika yaburiwe irengero afatwe.

Ni mu gihe kandi yemeza ko yakoroye indege imwe yo mu bwoko bwa A-10 yari muri iki gikorwa co guhiga abari muri iyi ndege y'intambara F-15 yarokowe, nk'uko ibinyamakuru vyegamiye reta bibitangaza.

Hagati aho, ikinyamakuru CBS News gikorana na BBC muri Amerika gitangaza ko kajugujugu imwe yari itwaye uno mudereva wa F-15E yatabawe, yarashwe n'inkoho ntonto, abari muri yo bamwe bagakomereka ariko ikaba yarashoboye kugwa neza.

CBS ivuga kandi ko indege ya A-10, yari muri iki gikorwa co guhiga abari muri F-15E, yarashwe ariko ko umudereva wayo yashoboye gukoroka. Ntibizwi neza nimba ari yo ndege Irani ivuga ko yakoroye.

Inyuma y'amayinga atanu y'iyi ntambara, Amerika na Israel biramaze gusenya ibitari bike mu bushobozi bwa gisirikare bwa Irani.

Hagati aho, mu gihe umushikiranganji w'ukwivuna abansi wa Amerika, Pete Hegseth, abandanya avuga ko "biganziye ikirere cose" ca Irani, iraswa ry'indege zibiri za Amerika ryerekanye ko ari amajambo y'ukwiyemera atari yo.