Abari mu butumwa bwa Artemis II bafashe ifoto 'y'igitangaza' y'Isi

Iyi ni imwe mu masanamu y'igitangaza yafashwe na Reid Wiseman arongoye ubu butumwa

Ahavuye isanamu, Nasa/Reid Wiseman

Insiguro y'isanamu, Iyi ni imwe mu masanamu y'igitangaza yafashwe na Reid Wiseman arongoye ubu butumwa
    • Umwanditsi, Sofia Ferreira Santos
  • Igihe co gusoma: iminota 3

NASA (Igisata ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika kijejwe ikirere) yasohoye amashusho ya mbere y'umubumbe w'Isi yafashwe n'abari muri bwa butumwa Artemis II, mu gihe bari mu nzira bagana mu micungararo y'Ukwezi.

Reid Wiseman arongoye ubu butumwa yafashe aya mashusho "y'agatangaza", nk'uko NASA ibivuga, inyuma y'uko barangije kwatsa imoteri nyamukuru y'ikigendajuru cabo kugira ngo bafate inzira ibajana kuri uno mubumbe mubanyi wegereye uwacu gusumba iyindi yose.

Isanamu ya mbere yiswe Hello, World, yerekana igice cagutse c'ubururu iki kikaba ari Ibahari Atlantiki, gikikujwe n'akarongo k'umuco gato mu gihe Isi ipfutse Izuba, hamwe kandi n'ibicu vy'icatsi kibisi ku mpande zompi.

Isi iboneka kuri twebwe nk'aho icuritse, Sahara yo mu burengero n'izinga rya Ibérie bikaba biboneka ibubamfu, igice co mu buseruko bwa Amerika y'Epfo na co kikaba kiboneka iburyo.

Nasa yabonye ko umubumbe ukayangana uri hasi iburyo ari Venus.

Wiseman yafashe kandi iyi sanamu, yise Artemis II Looking Back at Earth, iyifatiye muri rimwe mu madirisha ane makuru makuru ya Orion

Ahavuye isanamu, Nasa/Reid Wiseman

Insiguro y'isanamu, Wiseman yafashe kandi iyi sanamu, yise Artemis II Looking Back at Earth, iyifatiye muri rimwe mu madirisha ane makuru makuru ya Orion

Aya mashusho yafashwe inyuma y'uko abari muri iki kigendajuru barangije ikizwi nka injection translunaire, igikorwa co mu kirere aho ikigendajuru gihabwa inguvu kugira ngo kive mu muzunguruko (orbite) w'isi cerekeze ku kwezi, ejo ku wa gatanu.

Iki gikorwa catumye ikigendajuru Orion kiva mu muzunguruko w'Isi mu gihe abari muri co bategerezwa kugenda ibirometero birenga ibihumbi 321 berekeza ku Kwezi.

Ubu Artemis II iri mu nzira izoshikana aba bahinga mu vy'ikirere ku ruhande rwo hirya rw'Ukwezi, ni ukuvuga uruhande rw'ukwezi tutigera tubona, imbere yo kugaruka. Ni bwo bwa mbere kuva mu 1972 kiremwa muntu afashe urugendo hanze y'umuzunguruko w'Isi.

Bitegekanijwe ko abari muri iki kigendajuru baca mu micungararo y'uruhande rwo hirya rw'Ukwezi ku wa 6 Ndamukiza (4) hanyuma bagaruke kw'Isi ku wa 10 Ndamukiza.

Igice c'Isi

Ahavuye isanamu, NASA

Insiguro y'isanamu, Iyindi sanamu yafashwe n'aba bari muri iki kigendajuru yerekana umurongo ugabura ijoro n'umurango, uzwi nka terminator
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Inyuma y'uko injection translunaire irangiye, abari muri iki kigendajuru baciye baguma ku madirisha, bafata amafoto, nk'uko umuhinga w'ubu butumwa Jeremy Hansen yabibwiye abagenzuzi b'ubu butumwa i Houston.

Yavuze ati: "Turiko turaronka ishusho nziza y'uruhande rw'isi ruri mu mwiza, rwarasiweko umuco n'Ukwezi,"

Mu nyuma, Wiseman yahamagaye kw'Isi abajejwe ubugenzuzi bw'ubu butumwa i Houston ababaza ingene bosukura amadirisha, kuko akamwemwe k'aba bari muri iki kigendajuru ko kuraba hanze mu kirere kari katumye amadirisha acafura.

Mu ntango, uno arongoye ubu butumwa vyaramugoye gufata amafoto y'umubumbe wacu ari muri ico kigendajuru, avuga ko bitari vyoroshe gutumbereza neza ari kure cane kugira ngo afate amafoto.

Yabwiye abagenzuzi b'ubu butumwa ati: "Ubu twiyumva nk'aho woba usohotse uva mu nzu yawe kugira ngo ugerageze gufotora ukwezi".

Ariko iki ntikikiri ikibazo.

Iyindi foto yafashwe na Wiseman yerekana Isi igabuyemwo ibice bibiri, igice c'ijoro n'igice c'umurango. Uno murongo ugabura umwiza n'umuco uzwi kw'izina rya terminator.

Haboneka amatara mw'ijoro mu gihe Isi izibiye rwose Izuba, muri iyi foto yafatiwe mu kigendajuru Orion.

Ahavuye isanamu, NASA/Reid Wiseman

Insiguro y'isanamu, Haboneka amatara mw'ijoro mu gihe Isi izibiye rwose Izuba, muri iyi foto yafatiwe mu kigendajuru Orion

Mu nyuma, NASA yasohoye iyindi sanamu yerekana Isi iri mu mwiza hafi yose, amatara y'umuyagankuba aca ibibatsi mw'ijoro.

Yarasohoye kandi amasanamu abiri ari kumwe mu kugereranya ukungene Isi iboneka mu 2026 n'ukungene yaboneka mu mashusho yafashwe n'ubutumwa bwa Apollo 17 mu 1972 - igihe kiremwamuntu yaherukira gushika ku Kwezi.

"Twagenze urugendo rurerure muri ino myaka 54, ariko hari ikintu kimwe kitahindutse: umubumbe wacu ni mwiza cane iyo uwurabiye mu kirere!" ni ko yanditse.

Ico gihe n'ubu : Isi uko yaboneka mu 1972 (i buryo) n'uko iboneka mu 2026 (i bubamfu)

Ahavuye isanamu, NASA

Insiguro y'isanamu, Ico gihe n'ubu : Isi uko yaboneka mu 1972 (i buryo) n'uko iboneka mu 2026 (i bubamfu)