Gucira imbeya n'utundi tugenegene muri amwe mu mafoto yaranze iyi ndwi muri Afrika

Igihe co gusoma: iminota 4

Ng'aya amafoto twabahitiyemwo muri iyi ndwi, ava ku mugabane wa Afrika:

Ahavuye isanamu, Emmanuel Adegboye / EPA

Insiguro y'isanamu, Uyu mugabo acira umuriro yatangaje abantu mw'isabukuru ry'utugenegene ku munsi wa mbere mu karere ka Oworonshoki, ko mu muji wa Lagos muri Nigeria.

Ahavuye isanamu, Jalal Morchidi / EPA

Insiguro y'isanamu, Umugeni n'umusore bagiye kwubakana bambariye ubukwe mu misozi ya High Atlas muri Maroc, aho abo mu muryango w'aba Amazigh babutaha kuwa gatandatu.

Ahavuye isanamu, Ben Ibrahim / Getty

Insiguro y'isanamu, Abanya Tuniziya baje ari benshi mu mugwa mukuru, Tunis, kuw'Imana biyamiriza guhindura itegeko rigenga amatora, rifise intumbero yo kwambura sentare ijejwe gutatura amatati, ububasha bwo gufata ingingo ku matati yerekeye amatora.

Ahavuye isanamu, Francis Kokoroko / Reuters

Insiguro y'isanamu, Imbere y'aho kuwa 21/09/2024, mu mugwa mukuru wa Ghana, Accra, abari mu myiyerekano berekanye agashavu ku kibazo co gucukura amabuye y'agaciro mu buryo butemewe n'amategeko.

Ahavuye isanamu, Zohra Bensemra / Reuters

Insiguro y'isanamu, Abantu bakoresha ikibanza ico arico cose bashoboye kubona cobaha amahirwe yo kurorera neza urukino rukaze rwo kuri uyu wa gatatu hagati y'imigwi yo muri Toubab Dialaw i Dakar ku mugwa mukuru wa Senegal.

Ahavuye isanamu, Mohamed Abd El Ghany / Reuters

Insiguro y'isanamu, Amaso yose ari ku rupapuro ku munsi wa mbere w'umwaka w'ishure mu Misiri, aha hari kw'ishure rya Orman mu mugwa mukuru Cairo...

Ahavuye isanamu, Billel Bensalem / AFP

Insiguro y'isanamu, ...uwo munsi nyene, amashure yuguruye muri Algeria, aho umuntu akora utugenegene two gutwenza (clown) ariko agerageza uko ashoboye kugusha neza abana mw'ishure mu mugwa mukuru Algiers.

Ahavuye isanamu, Rajesh Jantilal / AFP

Insiguro y'isanamu, Umugwi Isicathamiya, uririmba mu njana y'aba kera y'iki Zulu, hakoreshwa amajwi ata bicurarangisho, uriko uririmba mw'isabukuru y'umuziki muri Afrika y'epfo mu muji wa Durban.

Ahavuye isanamu, Glody Murhabazi / AFP

Insiguro y'isanamu, Umuntu avuza ingoma ariko aravuza mu misa yakorewe hanze ku mabarabara ya Kamituga, mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo ku wa gatanu.

Ahavuye isanamu, Gerald Anderson / Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku munsi wa gatanu, bamwe bagiye mu gikorwa co gusukura ku munsi wahariwe isuku kw'isi, harimwo abo muri Kenya, mu muji wa Nakuru, aho abakorerabushake bariko bafasha gusukura amabarabara.

Ahavuye isanamu, Alfredo Zuniga / AFP

Insiguro y'isanamu, Umurongozi w'umugwi w'abanyamuziki b'abasirikare ahagaze hagati mu basoda bari mu mwambaro wo kwiyoberanya, igihe Mozambique yahimbaza umunsi mukuru w'ingabo ku munsi wa gatatu.

Ahavuye isanamu, Monicah Mwangi / Reuters

Insiguro y'isanamu, Abavyeyi, n'incuti b'abanyeshure bahitanywe n'umuriro wadutse mw'ishure ryo mu gihugu hagati muri Kenya mu ntango z'uku kwezi, bari mu misa yo kubasezera kuri uyu wa kane.

Ahavuye isanamu, Wikus de Wet / AFP

Insiguro y'isanamu, N'igihe c'imbeho muri Afrika y'epfo aho neige/snow yaguye ari nyinshi muri leta ya Free State, iteza akajagari ku munsi wa gatandatu, ariko itera n'akanyamuneza kuri bamwe baboneyeho kwiyubakira uturundo duteye bwa muntu (snowman).

Ahavuye isanamu, Olympia de Maismont / AFP

Insiguro y'isanamu, Ifoto yafashwe na drone hejuru y'igituro ca Obalende co mu muji wa Lagos, yerekana imodokari zirindiriye abinjira ku munsi wa kabiri.