Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Irani: Amashusho yerekana ibisigarira vy'indege zoba zaturiwe mu kurokora wa Munyamerika yatakara
Amashusho yagenzuwe hamwe n'urukurikirane rw'amafoto yahanahanywe ku mbuga ngurukanabumenyi uno musi asa n'ayerekana ibisigazwa vy'indege biriko birafumba umwotsi mu karere k'imisozi ka Irani hagati.
Ibi bisigarira biri ku bilometero nka 50 mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igisagara ca Isfahan.
Igisirikare ca Irani kivuga ko indege zibiri z'igisirikare ca Amerika C-130 zunguruza abantu n'ibikoresho hamwe na kajugujugu zibiri za Black Hawk zasambutse muri ico gikorwa co gutabara ca Amerika cakurikiye iraswa rya ya ndege y'intambara ya Amerika, F-15E.
Kivuga ko "igikorwa c'amayeri yo guhunga ku kibuga c'indege cahebwe mu bumanuko bwa Isfahan...cateshejwe burundu".
Muri Amerika, ikinyamakuru CBS News gisubiramwo abategetsi bavuga ko indege zibiri muri zitanu zitwara abantu n'ibikoresho zakoreshejwe muri ico gikorwa zananiwe no kuguruka bica biba ngombwa ko baziturira kugira ngo ntizigwe mu minwe y'umwansi.
BBC ntiyashoboye guhinyuza ibivugwa n'impande zompi canke ngo yishikire ku rubuga yo nyene.
Hagati aho, yarungikiye aya mashusho yagenzuwe abahinga mu vya gisirikare kugira ngo ibabaze nimba bashobora kumenya ibi bisigarira vyerekanywe.
Icakora, biriko biragaragara ko igikorwa co kurokora urya musirikare yari yaburiwe irengero kitari coroshe na gato, kandi ko hakoreshejwe uburyo bwinshi cane, harimwo ingabo ziharurwa mu majana, indege z'intambara zitari nke hamwe na za kajugujugu.
CBS News irasigura ingene uno musirikare acunga amasasu n'ibikoresho vy'intambara mu ndege (officier des systèmes d'armes/Weapons Systems Officer WSO), yicara ku ntebe ya kabiri y'iyi ndege y'intambara, izwi nka F-15E Strike Eagle, yakomeretse igihe yakoroka ava muri iyo ndege mu bumanuko bwa Irani.
Iyi ndege F-15E Strike Eagle ni yo ndege ya mbere yari ikorowe iri mu ntambara mu myaka irenga 20.
Uno "Wizzo", umukoroneli atavuzwe izina, yarakomeretse ariko bikavugwa ko yashoboye gutambuka, amara igihe kirenga umusi wose yinyegeza kugira ngo ntafatwe mpiri. Yari afise inkoho ntoya yo mu minwe.
Bivugwa ko ingabo za Amerika zakoresheje ibibombe n'inkoho zicira umuriro mu ntumbero yo kwigiza inyuma ingabo za Irani zariko zirasatira ahari hinyegeje uno musirikare. Bivugwa kandi ko habaye n'ukurasana n'ingabo za Irani.