Mu mafoto: Raba ingene vyagenze Trump amaze kuraswa agakomereka

Donald Trump yakuwe vyihuta aho yariko aremeshereza imyiyamamazo i Butler mu ntara ya Pennsylvania inyuma y'aho umuntu yari afise inkoho amurasiye ahagaze hejuru ku nzu yari hafi yaho.

Ahavuye isanamu, AP

Ahavuye isanamu, AP

Ahavuye isanamu, Getty Images

Uno Murepubulika ariko yiyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu yaciye aryama hasi, akaba yabonetse ariko ava amaraso ku ruhande rw'i buryo. Avuga ko yumvise urusasu ruhurira, hanyuma rumutobora ugutwi.

Ahavuye isanamu, AP

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, Getty Images

Igihe abajejwe umutekano bashwara ikibanza yariko yiyamamarizamwo, Trump yagaranzuye igipfunsi mu kirere mu gihe yariko avanwa muri ico kibanza.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, AP

Ahavuye isanamu, AP

Abari mu myiyamamazo baciye baryama hasi mu gihe amasasu yariko arasirana, mu nyuma bamwe baca batangura guhunga.

Umwe mu babibonye yabwiye BBC ko yabonye umugabo yari afise inkoho ku gisenge c'inzu yari mu micungararo akanya gato imbere y'uko Trump araswa.

Ahavuye isanamu, AP

Ahavuye isanamu, AP

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Abantu baciye bava muri iki kibanza Donald Trump yariko akorera imyiyamamazo inyuma y’aho habereye iki gitero, hari mw’ijoro ryo ku wa gatandatu buca ari kuri uyu wa Mungu.