Amabendera, ibipfunsi n'ukugwa: Amafoto ya mbere meza muri Africa

    • Umwanditsi, Natasha Booty
    • Igikorwa, BBC News
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Amwe amwe mu mafoto ya mbere meza yo muri iyi ndwi muri Afrika n'ahandi :

Ahavuye isanamu, CEM OZDEL / GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu, Ku wa Mungu ku murwa mukuru wa Senegal, Dakar, abacapa ku bihome (inkuta) bariko bandika ubutumwa bwo kwifatanya n'Abanya-Palestina.

Ahavuye isanamu, CEM OZDEL / GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu, Haheze iminsi muri ico gisagara nyene, abarozi bazanye ibitungwa vyabo guhiganwa mw'ihayanishwa mpuzamakungu ry'ibitungwa. Amaso yerekeje cane kuri Ladoum, ubwoko bw'intama bwa mbere buzimvye cane kw'isi.

Ahavuye isanamu, ISSIFOU DJIBO / EPA

Insiguro y'isanamu, Ku wa kabiri muri Niger, abashigikiye reta ya gisirikare barashimagiza ingingo yabo yo gushinga Alliance des Etats du Sahel hamwe n'ibindi bihugu ubu bitwarwa n'igisirikare no kuva mw'ishirahamwe ry'akarere rimaze imyaka myinshi, CEDEAO (Ecowas).

Ahavuye isanamu, THIERRY CHESNOT / GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu, Umunyamideri w'umunya-Camroun Imane Ayissi ariko arakomerwa amashi mu ndwi y'ihayanishwa, ku wa mbere i Paris mu Bufaransa.

Ahavuye isanamu, JULIE SEBADELHA / AFP

Insiguro y'isanamu, Muri ico gisagara nyene umunsi umwe imbere y'aho, umuyobozi w'ama sinema afise ubwenegihugu bw'Ubufaransa na Senegal Ramata-Toulaye Sy ariko arapepera kamera avuye mu kiganiro Chanel Spring-Summer.

Ahavuye isanamu, MOISE NIYONZIMA / EPA

Insiguro y'isanamu, Ku wa gatatu muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo, umugwanyi wa M23 ishigikiwe n'Urwanda yafashe igice kinini c'igisagara ca Goma, ahagaze kw'ijabukiro ryo ku rubibe ...

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Benshi muri Goma ntibagira amazi meza yo kunywa, bikora ku yo baja kuvoma mu mabido mu kiyaga Kivu.

Ahavuye isanamu, DANIEL BELOUMOU OLOMO / AFP

Insiguro y'isanamu, Ku wa Mungu, umugore w'imyaka 71, Noël Louise Mekah Fossi, umukobwa w'umunya-Cameroun yaharaniye intahe yo kwikukira hanyuma akagandagurwa, Jacob Fossi, ahagaze aho yiciwe i Metche Falls. Ari mu batarya umunwa mu kunegura politike yo hanze y'Ubufaransa ku gihugu ciwe bwahoze bukoronije.

Ahavuye isanamu, CINDY ORD / GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu, Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku wa mbere, Ibrahim Snoopy Ahmad, Rawia Alhag, Anas Saeed na Timeea Mohamed Ahmed bagiye kuraba aherekanwa ubwa mbere Khartoum mw'isabukuru ya sinema ya Sundance.

Ahavuye isanamu, PAUL KANE / GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu, Umunsi umwe imbere y'aho, umunya-Kenya akina rugby Denis Abukuse ariko arifotoza hamwe n'abafana biwe inyuma y'urukino na Nouvelle Zelande muri Australia.

Ahavuye isanamu, MATTHEW JACOBS / AFP

Insiguro y'isanamu, Uwo mugore yambaye ibendera rya Liberia yiteguriye kwumva ijambo ku gihugu rya perezida Joseph Boakai i Monrovia ku wa mbere.

Ahavuye isanamu, KHALED DESOUKI / AFP

Insiguro y'isanamu, Ku wa kabiri ku murwa mukuru wa Misiri, Cairo, abantu bicaye mu bunywero bw'icayi bwa Umm Kulthum, bwitiriwe umugore w'umunya-Misiri yaririmba, akandika indirimbo akaba n'umukiniyi w'amasinema.

Ahavuye isanamu, JEFF PACHOUD / AFP

Insiguro y'isanamu, Abatetsi kabuhariwe b'abanya-Maroc Mohamed El Yazidi (i bubamfu) na Omar Eddie (i buryo) bariko barahiganwa mw'ihiganwa ry'imikate rya Bocuse d'Or mu Bufaransa ku wa gatanu.

Ahavuye isanamu, FETHI BELAID / AFP

Insiguro y'isanamu, Ku wa gatandatu, abantu bariko bariko baroga mu ikizunga c'amazi y'amashuha mu buraruko bushira ubuseruko bwa Tunisia.

Ahavuye isanamu, RODGER BOSCH / AFP

Insiguro y'isanamu, Ku wa Mungu, umwirutsi w'umuyapani "Gump" Suzuki ariko arigina ihiganwa yagize ryo kwiruka amezi atandatu kuva muri Kenya gushika muri Afrika y'Epfo.