Barcelona ishobora kuronka Nico Williams, ni amwe mu yavugwa kuri uno wa kane

Ahavuye isanamu, Getty Images
Paris St-Germain yiteguye guhangana na Manchester United mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Benfica Umunya-Portugal Joao Neves w'imyaka 19. (Le10Sport - mu gifaransa)
Barcelona yashitse ku mwuvikano n'umurwi Athletic Bilbao ko ushobora kuzoyiha umusatirizi wa Espagne Nico Williams w'imyaka 21. (Sport - mu ki - espagnol)
Manchester United irashaka vuba cane gushika ku masezerano yo kugura umukinyi w'inyuma wa Bayern Munich Umunya-Hollande Matthijs de Ligt w'imyaka 24 inyuma y'ihiganwa ry'igikombe ca Bulaya, Euro 2024. (Bild - mu kidagi)
Arsenal yemeye ko ishobora gutiza Lazio umukinyi w'inyuma wayo, Umunya-Portugal Nuno Tavares w'imyaka 24, mu masezerano arimwo ingingo y'uko ishobora no kuzomugura hagati y'imiriyoni 6 n'indwi z'amapawundi. (Mirror)
Chelsea ntabwo irajwe ishinga no kurondera kugura umusatirizi wa RB Leipzig Umunya-Espagne Dani Olmo w'imyaka 26 ku miriyoni 50 z'amapawundi amusabwako. (Sky Sports)
Liverpool, Bayern Munich na Real Madrid ni yo mirwi Umufaransa Adrien Rabiot w'imyaka 29 ashobora kwimukiramwo, mu gihe ubu yirebanga inyuma y'aho amasezerano yari afitaniye na Juventus arangiriye mu kwezi guheze. (Calciomercato - mu gitaliyano)
Marseille iripfuza umusatirizi wa Arsenal Umwongereza Eddie Nketiah w'imyaka 25. (Footmercato - mu gifaransa )

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bayern Munich iripfuza kugura umusaturizi w'Ubuholande Xavi Simons w'imyaka 21 asanzwe akinira Paris St-Germain. (Sky Sports)
Monaco yaranse amafaranga angana n'imiriyoni 30 z'ama-euro atangwa na Nottingham Forest ku mukinyi wo hagati w'Ubufaransa Youssouf Fofana w'imyaka 25, asanzwe yaramaze kwemera kuzokwimukira muri AC Milan. (Fabrizio Romano)
Vyitezwe ko mu masaha 24 ari imbere umukinyi wo hagati wa Portugal Joao Palhinha w'imyaka 29, azoba yamaze kwimukira muri Fulham avuye muri Bayern Munich. (Sky Germany)










