Henok Mulueberhane yatsinze agace ka gatatu ka Tour du Rwanda
Ahavuye isanamu, Tour du Rwanda
Umunya-Eritrea Henok Mulueberhane ukinira ikipe ya Green Project Bardiani ni we wegukanye agace ka 3 k’irushanwa rya Tour du Rwanda .
Mulueberhane yashoje aka ku mwanya wa mbere w’aka gace Huye –Musanze kareshyaga na km 199.5.
Yakoresheje 2h13min37 sec anahita yegukana wa mupira w’umuhondo wari ufitwe n’Umwongereza Ethan Vernon ukinira ikipe ya Soudal Quick Step .
Ku munsi w’ejo ,abasiganwa bazerekeza mu karere ka Karongi ku burebure bwa km 138.
Uduce tubiri twa mbere twari twatsinzwe n'Umwongereza Ethan Vernon.
Ahavuye isanamu, Tour du Rwanda
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}