Amwe mu mafoto yaranze Afurika muri iki cyumweru

Igihe co gusoma: iminota 3

Amwe mu mafoto yaranze Afurika muri iki cyumweru hamwe n'ayo hanze y'Afurika afite aho ahuriye n'uyu mugabane.

Ahavuye isanamu, MEHMET ASLAN / GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu, Ku wa kane, umugabo w'Umu-Masai arimo kwatsa umuriro i Arusha muri Tanzania.

Ahavuye isanamu, FRANCO ORIGLIA / GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu, Ku wa gatanu, aba bamurika imideli barimo kwifotoreza mu mujyi wa Lubumbashi mu majyepfo ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

Ahavuye isanamu, ISABEL INFANTES / REUTERS

Insiguro y'isanamu, Ku wa gatandatu, mu murwa mukuru London w'Ubwongereza, umugore aramenyesha ibyago byugarije abaturage bo muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, mu myigaragambyo yo kwamagana intambara ya Israel muri Gaza.

Ahavuye isanamu, HASSAN ALI ELMI / AFP

Insiguro y'isanamu, Shukri Osman Muse, w'imyaka 25, aritegura kujya ku ifarasi ye mu murwa mukuru Mogadishu wa Somalia ku wa gatanu. Yemeza ko ari we "mugore wa mbere utwara ifarasi" muri icyo gihugu, ndetse "zari inzozi zanjye mu gihe cy'imyaka myinshi".

Ahavuye isanamu, CEM OZDEL / GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu, Ku cyumweru, mu murwa mukuru Dakar wa Sénégal, aba bagabo barakirana mu mukino uzwi nka 'laamb' muri cyo gihugu.

Ahavuye isanamu, AMANUEL SILESHI / AFP

Insiguro y'isanamu, Ku cyumweru, i Addis Ababa muri Ethiopia, abapadiri bo ku rwego rwo hejuru bo mu itorero ry'aba Orthodoxe, barimo gusenga mu kwizihiza umunsi mukuru uzwi nka Timkat...

Ahavuye isanamu, AMID FARAHI / AFP

Insiguro y'isanamu, Umunsi mukuru wa Timkat ni uwo kwizihiza ibatizwa rya Yezu mu ruzi rwa Yorudani, ndetse ni umwe mu minsi mikuru ikomeye cyane ku bakristu bo muri Ethiopia. Hano, Abanya-Ethiopia baba mu mujyi wa Washington DC muri Amerika, barimo kwishimira uwo munsi.

Ahavuye isanamu, GERALD ANDERSON / GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu, Ku wa gatanu, mu gace ka Mathare mu murwa mukuru Nairobi wa Kenya, abana barasomera ku rumuri rwa buji.

Ahavuye isanamu, JEROME FAVRE / EPA

Insiguro y'isanamu, Ku wa gatanu, muri Sénégal, Bineta Dieng arerekana ifoto y'umukobwa we Maimouna, wari ufite imyaka 19, wagiye muri Espagne mu bwato ari kumwe n'abandi bantu babarirwa muri za mirongo, hashize imyaka ibiri, nyuma ubwo bwato bukaburirwa irengero. Ati: "Nta muntu n'umwe wigeze uboneka."

Ahavuye isanamu, YANICK FOLLY / AFP

Insiguro y'isanamu, Hanyuma ku wa gatanu, aba bakobwa bikoreye amazi mu mabasi mu murwa mukuru Lomé wa Togo.