Cameroon: Abakobwa babiri baciriwe umunyororo w’imyaka itanu ku guhuza ibitsina babisangiye

Ahavuye isanamu, Reuters
Abakobwa babiri bahinduye imikorere y'ibitsina vyabo muri Cameroun baciriwe umunyororo w'imyaka itanu n'ihadabu ry'amadorari 370 y'abanyamerika umwe umwe.
Njeukam Loic Midrel, azwi cane ku mbuga ngurukanabumenyi nka Shakiro, hamwe na Mouthe Roland azwi ku ritazirano rya Patricia bahagaritswe ku wa 08 z'ukwa kabiri uno mwaka bagirizwa ko "bashaka bahuze ibitsina kandi babisangiye".
Inyuma y'ukwankirwa kurekurwa vy'agateganyo n'urubanza rwabo rukagenda rwunguruzwa incuro nyinshi, rwagiye kurangira nijoro ku wa kabiri intahe ibakubise mu gahanga muri sentare y'akarere ka Bonanjo Douala.
Umushingwamanza wabo Alice Kom yabwiye BBC ko iyi sentare yabahaye igihano kirenze urugero "kandi ari bwo bwa mbere bari bakoze ico caha".
Avuga ko bagiye kwunguruza.
Ati: "Tugiye kubandanya urugamba muri sentare y'iyungururizo. Iyi ngingo ishobora kubangamira umutekano w'abantu basanzwe bari mu bahuza ibitsina babisangiye (LGBTQ)".
Maximillienne Ngo Mbé, umukuru w'ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, na we nyene yiyemeje guhangana n'incuti za Kameruni kuri iyi ngingo - akavuga ko "igihugu cahonyanze amategeko mpuzamakungu cateyeko igikumu".
Kameruni kiri mu bihugu 33 bifata ko uguhuza ibitsina hagati y'ababisangiye ari icaha gihanwa n'amategeko.
Ipfungwa ry'aba bakobwa babiri ryerekana ko abantu bari mu murwi w'abahuza ibitsina babisangiye muri ico gihugu bari mu ngorane.
Ishirahamwe Human Rights Watch riharanira agateka ka muntu rivuga ko inzego z'umutekano za Cameroun zahagaritse, zitera ubwoba canke zikubagura n'imiburiburi abantu 24 kuva mu kwa kabiri mu rugamba rwo kurwanya abahurikiye mw'ishirahamwe ry'abagabo canke abagore bahuza ibitsina n'abo babisangiye (LGBT).









