IKIBIRIRAHO, DR Congo: Ingabo za Uganda zivuga ko abasivile barenga 200 batabawe bamburwa ADF

Ingabo za Uganda zivuga ko umuto cyane muri abo batabawe bakuwe mu nkambi y’umutwe witwaje intwaro wa ADF ari umukobwa w’imyaka 14.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana na Gisèle Berwa

  1. Ubuyapani: Abasirikare batatu bapfuye ubwo igisasu cyaturikiraga imbere mu gifaru bari mu myitozo

    Ibifaru bya Type 10 biri mu myitozo ya gisirikare mu Buyapani mu ntangiriro z'uyu mwaka

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Ibifaru bya Type 10 biri mu myitozo ya gisirikare mu Buyapani mu ntangiriro z'uyu mwaka

    Abasirikare batatu b’Ubuyapani bapfuye mu gitondo cyo kuri uyu wa kabiri ubwo bari mu myitozo yo kurashisha igifaru mu kigo kiri mu ntara ya Oita mu majyepfo y’igihugu, nk’uko byatanjwe na Minisitiri w’intebe w’iki gihugu.

    Mu butumwa yashyize ku mbuga nkoranyambaga Takaichi Sanae yavuze ko muri iyo myitozo yo kurashisha ibifaru bya Type 10 “igisasu bivugwa ko cyaturikiye imbere mu mbunda” kitarasohoka.

    Uko guturika kwabereye imbere mu gifaru kwatumye “mu bantu bane bari bakirimo, batatu bapfa undi umwe arakomereka” nk’uko Minisitiri w’intebe Sane abivuga. Yongeraho ko hakirimo gukorwa iperereza.

    Ibinyamakuru mu Buyapani bivuga ko abapfuye ari abagabo batatu bari mu myaka 20 na 40 naho umugore umwe uri mu myaka 20 agakomereka.

    Muri Kanama(8) ishize, abasirikare babiri bo mu ngabo zirwanira ku butaka barapfuye bishwe n’inkuba ubwo bari mu myitozo muri kiriya kigo nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru byo mu Buyapani.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Trump avuga ko Amerika itazokuraho ukwugara Hormuz gushika habonetse amasezerano na Iran

    Perezida wa Amerika Donald Trump ahagaze hanze y'icumba ca Oval Office, co mu biro vyiwe vya White House.

    Ahavuye isanamu, Bloomberg via Getty Images

    Perezida Donald Trump avuga ko Amerika itazokuraho izibira ryayo ku bivuko vya Irani gushika habonetse amasezerano na Iran.

    Trump yanditse ku rubuga rwiwe Truth Social ko iryo hagarikwa, ryatanguye mu ndwi iheze, “ririko rirasambura Iran cane,” yongerako ko igihugu ciwe kiriko kiratsinda iyo ntambara “ku rugero runini cane”.

    Ivyo yabivuze mu gihe agahengwe k’intambara hagati ya Amerika na Iran kari kategekanijwe kurangira ku wa gatatu, ariko hakaba hataramenyekana neza nimba ibiganiro bishasha vy’amahoro bizobandanya muri Pakistan.

    Umutekano warakajijwe mu murwa mukuru Islamabad wa Pakistan mu kwitegura ivyo biganiro. Ariko icegera c’umukuru wa Amerika, JD Vance, ari we yari gutwara umugwi wa Amerika, ntarava i Washington, mu gihe Iran yo ivuga ko itarafata ingingo yo kwitaba.

    Kuva iryo hagarikwa ritanguye, igisirikare ca Amerika categetse ubwato 27 gusubira ku kivuko ca Iran, nk’uko bivugwa n’ibiro bikuru vy'imirwano vyo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika (CENTCOM).

    Amerika kandi, ku ncuro ya mbere muri iyi ntambara, yarafashe ubwato bw’imizigo bufise ibendera rya Iran, inyuma y’uko bwagerageje kurenga iryo zibira ku musi w’Imana.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. DR Congo: Abantu barenga 200 batabawe bamburwa umutwe wa ADF

    Itsinda ry’abasirikare ba Uganda bambaye imyenda yijimye bafte intwaro n’amasasu, bahagaze bareba muri ‘camera’.

    Ahavuye isanamu, UPDF

    Insiguro y'isanamu, Kuva mu mwaka wa 2021, abasirikare ba Uganda bakomeje kugaba ibitero ku mutwe wa ADF ukorera muri DRC

    Abasivile barenga 200 bari barashimuswe mu burasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) n’umutwe witwaje intwaro wa ADF ufite aho uhuriye n’umutwe wiyita Leta ya Kisilamu (IS), batawe mu gikorwa cya gisirikare, nkuko ingabo z’igihugu gituranyi, Uganda (UPDF), zabitangaje.

    Abasirikare ba Uganda, ku bufatanye na bagenzi babo ba DRC, binjiye mu nkambi igenzurwa n’umutwe w’intagondwa wa ADF, ufite inkomoko muri Uganda.

    Itangazo ry’ingabo za Uganda rivuga ko abana bari mu babohojwe, umuto cyane muri bo akaba ari umukobwa w’imyaka 14.

    ADF yashingiwe muri Uganda mu myaka ya 1990 n’abantu bari babajwe n’uburyo leta ifatamo abayisilamu. Ariko nyuma yo kwirukanwa n’ingabo muri Uganda, abasigaye bo muri uwo mutwe bahungiye hakurya y’umupaka muri DRC.

    Mu mwaka wa 2021, Uganda na DRC byatangije igikorwa cya gisirikare bihuriyeho kigamije kwirukana ADF mu bice yagize indiri zayo muri DRC, ariko kugeza ubu icyo gikorwa cyananiwe guhagarika ibitero by’uwo mutwe.

    Ntibisobanutse igihe abo basivile batabawe bari barashimuswe n'aho bari barashimuswe bavanwa, ariko itangazo ry'ingabo za Uganda ryavuze jo abo bari barashimuswe basobanuye "uburyo bubi bari babayemo aho bari bari bashimuswe, burimo ibiribwa bicye, imirimo y'agahato n'igihano ku kutumvira".

    Abategetsi bavuze ko bamwe basaga nk'abafite intege nkeya ndetse barwaye malariya, bafite ibibazo byo guhumeka no kunanirwa cyane.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.