Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umunyarwanda Fabien Neretse yakatiwe na sentare mu Bubirigi gupfungwa imyaka 25 kubera genoside
Sentare mu Bubirigi yakatiye uwahoze ari umuyobozi mu Rwanda igipfungo c'imyaka 25 nyuma yo guhamwa n'icaha ca jenoside yo mu Rwanda mu 1994.
Bwana Neretse w'imyaka mirongo indwi n'umwe y'amavuko yafatiwe mu Bufaransa mu 2011.
Mu kuburanywa kwiwe kwose ntiyigeze yemera ivyagiriji na bimwe mu vyashikirijwe vyose n'ubushinjacaha.
Yahamwe kandi n'ivyaha vyo mu ntambara bijanye n'ubwicanyi bw'abantu cumi n'umwe mu gihe c'intambara mu Rwanda.
Umwunganizi wa Bwana Neretse yabariye sentare ko umuntu w'umwere adashobora kwemera ivyaha.
Yavuze kandi ko kubera imyaka yiwe, iki gihano yakatiwe gisa nk'urupfu ruje buke buke kandi rubi cane.
Ububirigi buramaze guhamya abandi bantu umunani ivyaha vyo kwica vyakorewe mu gihugu bwahoze bukoronije, ariko Neretse niwe wa mbere ahamijwe jenoside.