Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umunyamabanga mukuru wa CAF yeguye bivuye ku mpari ku mukino wa nyuma wa AFCON
- Umwanditsi, Wedaeli Chibelushi
- Igihe co gusoma: iminota 2
Umunyamabanga mukuru w'Ishyirahamwe ry'Umupira w'Amaguru muri Afurika, (CAF), yeguye mu gihe umupira w'amaguru ku mugabane wa Afurika uri mu bihe by'akajagari.
Veron Mosengo-Omba yatangaje mu itangazo ko asezeye ku mirimo, ariko uku kugenda kwe kuje nyuma y'impaka zikomeye zatewe n'icyemezo cyo kwambura Sénégal igikombe cya CAN 2025 no gusubika irushanwa ry'abagore ku munota wa nyuma.
Ibi byatumye CAF, urwego ruyobora umupira w'amaguru muri Afurika, ihura n'ikibazo gikomeye cyo kugwana ngo isubire kugirirwa icyizere.
Mu itangazo yasohoye ku Cyumweru, Mosengo-Omba yavuze ku mpaka n'ibirego byamukurikiranye igihe yari ku buyobozi.
Yanditse ati: "None ko nabashije gukuraho amakenga ku bintu abantu bamwe bakoze ibishoboka byose ngo banshinje, ndashobora gusezera mfite umutima utuje kandi nta gitutu, nsize CAF iteye imbere kurusha mbere hose."
Uwo mugabo w'imyaka 66 yagiye anengwa kuba yarakomeje kuba umunyamabanga mukuru nyuma y'imyaka 63 iteganywa na CAF kugira uje mu karuhuko k'iza bukuru.
Yanashinjwe na bamwe mu bakozi guteza umwuka mubi aho bakorera, nubwo igenzura ryakozwe nyuma y'ibirego by'abakozi ryamuhanaguyeho amakosa yose.
Mosengo-Omba ukomoka muri Republika ya Dempkrasi ya Congo ariko akaba anafite ubwenegihugu bw'u Busuwisi, yagizwe umunyamabanga mukuru wa CAF muri Werurwe(3) 2021.
Nk'uko ibiro ntaramakuru bya Reuters byabitangaje, umuyobozi ushinzwe amarushanwa muri CAF, Samson Adamu, ni we uzaba amusimbuye by'agateganyo.
Urwego rukuru rurongoye CAF rutegereje kandi icyemezo cy'Urukiko rw'ubukemurampaka rwa Siporo (Court of Arbitration for Sport {CAS}), ku bujurire bwa Sénégal nyuma yo kwamburwa igikombe cya CAN.
Sénégal irwanya icyemezo cy'urwego rushinzwe ubujurire muri CAF cyahinduye intsinzi yayo y'igitego 1-0 yatsinze Maroc yari yakiriye irushanwa, mu mukino wa nyuma wa CAN wabaye muri Mutarama(1).
Muri uwo mukino, abakinnyi ba Sénégal basohotse mu kibuga bavuga ko batishimiye penaliti Maroc yari iherewe mu minota y'inyongera, mu gihe umukino wari ukiri ubusa ku busa (0-0).
Basubira mu kibuga nyuma y'iminota hafi 17, Maroc yananiwe gutsinda iyo penaliti, maze Sénégal iza gutsinda igitego cyayihaye intsinzi mu minota y'inyongera.
Nyuma y'ubujurire bwatanzwe n'Ishyirahamwe ry'Umupira w'Amaguru rya Maroc, 'Royal Moroccan Football Federation', CAF, yaje gufata icyemezo ko Sénégal yatsinzwe kubera kuva mu kibuga, maze Maroc ihabwa intsinzi y'ibitego 3-0.