Abarongoye ishuli ry'aho umwigeme yafashwe ku nguvu muri Kenya bicaritswe
Umushikiranganji w'indero muri Kenya Amina Mohamed yicaritse abagize inama nyobozi y'ishuli Moi Girls' School, inyuma yaho umwe mu banyeshuli afatiwe ku nguvu mu buryamo.
Madamu Mohamed yakuye n'umuyobozi w'ishuli yaciye yemera kuja mu karuhuko k'izabukuru hatari bwagere, nkuko umugwi ugenzura abigisha "Teachers Service Commission" wavuze mu makuru yashikirijwe n'ikinyamakuru Nation.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Ishuli Moi Girls High School muri kino gihe rirugaye inyuma yaho umunyeshuli afatiwe ku nguvu mu ndaro, itangazamakuru ryo mu gihugu rikavuga ko uwo mwigeme yafashwe yaragiye ku kazu ka surwumwe.
Inyuma y'iryo bara abagabo 30 barimwo abigisha hamwe n'abajejwe umutekano bariko barasambishwa, kugera hamenyekane ido n'ido y'ivyabaye.
Ubutegetsi bwa Kenya buvuga ko abikekwa bazosuzumwa mu buryo bwa ADN.
Iryo bara riherutse kugwa ryatumye abantu benshi bafatwa n'agashavu ku bijanye n'umutekano mu mashuli, ndetse abandi biha amabarabara mu myiyerekano.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka