Netanyahu yahagaritse umugambi wo guha impapuro Abanyafrika
Ahavuye isanamu, Getty Images
Umushikiranganji wa mbere wa Isiraheli, Benjamin Netanyahu, yahagaritse umugambi yari yatangaje kuwa mbere wo guha impapuro ibihumbi vy'Abanyafrika b'abimukira.
Ukuntu uwo mugambi wari utunganije, Isiraheli yari guha abo bimukira impapuro, ibihugu vy'iburaya navyo bigaca vyakira igigiri nk'ico nyene c'abimukira.
Ishami rya ONU rijejwe impunzi, HCR, ari naryo ryagiranye ayo masezera na Isiraheli, ryasavye bwana Netanyahu kudaheba uwo mugambi.
Uwo mwumvikano wabonwa nk'umuti wo gukemura ikibazo cari catejwe n'umugambi wa mbere, aho ibihumbi mirongo itatu vy'abimukira bari gusubizwa muri Afrika (mu Rwanda na Uganda) canke bagapfungwa.
Aya masezerano yashavuje abagira ku vyiyumviro vyegereye ubutagondwa bo mu runani ruri ku butegetsi rurongowe na bwana Netanyahu.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka