ONU isaba amakungu gutabara impunzi z'Abanyesudani y'epfo
Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riragabisha rivuga ko vyihuta kwicarira ikibazo c'impunzi zituruka muri Sudani y'epfo, kiri mu bihanze Afrika muri kino gihe.
Umukuru w'igisata ca ONU kijejwe impunzi, Filippo Grandi, yateye akamo amakungu ku mfashanyo y'imiliyardi zitatu z'amadolari ya Amerika zikenewe mu gufasha hafi imiliyoni indwi z'abantu.
Uno munsi yagendeye ikambi y'impunzi iri mu gihugu kibanyi ca Kenya, i Kakuma, mu buraruko bw'ico gihugu.
Hafi umuntu umwe kuri batatu barataye ingo zabo muri Sudani y'epfo.
Ingwano yadutse kubera umwumvikano muke hagati ya Prezida Salva Kiir hamwe n'uwo bari bacuditse kera Riek Machar, igeze ku mwaka wa gatanu.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yavuze ubu bwa vuba ko atari bwabone abanyepolitike b'incabwenge batitaho ubuzima bw'abanyagihugu babo.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka