Syria: Igitero c'umwuka wa gazi mu gace k'inyeshamba
Hari amakuru avugwa ko hoba hagabwe igitero c'umwuka wa gazi wo mu bwoko bwa "chlorine", mu gace k'inyeshamba gaherutse kwigarurigwa n'ubutegetsi bwa Syria mu bwinjiriro bw'igisagara ca Damas.
Abakozi bo mu gisata c'ubuvuzi mu buseruko bw'intara ya Ghouta bavuga ko bavuye abantu batandatu bafise ingorane zo guhema.
Ako gace karibasigwa iminsi yose n'ibitero vyo mu kirere.
Bimaze guhitana abantu benshi, Onu ikavuga ko hari abantu 400000 bari mu ngorane z'ubuzima.
Ako gace ni ngirakamaro mu gihe inyeshamba zishobora kugaba ibitero mu ma karitiye abamwo abanyagihugu mu gisagara ca Damas.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}