Ethiopia yarekuye abapfungiwe politike
Ahavuye isanamu, AFP
Umushikiranganji wa mbere, Hailemariam Desalegn, yamenyesheje ko ubutegetsi bwarekuye abanyororo bose bapfungiwe politike mu gihugu.
Yavuze ko ibohero rikomeye, Maekelawi, rikwiye kwugagwa rigahindugwamwo inyubakwa yo kubikamwo ibiranga akahise.
Bwana Desalegn yavuze ko iyo ntambwe ishobora gufasha mu biganiro bitegekanijwe mu gihugu cose, inyuma y'imyiyerekano y'abagwanya ubutegetsi yamaze imyaka irenga ibiri.
Abantu bagiye mu myiyerekano baharugwa mu bihumbi barafunzwe, amajana baricwa.
Umumenyeshamakuru wa BBC akorera muri Ethiopia, avuga ko ari ubwa mbere leta yemera ko hari abanyororo bafungiwe politike, ikigongwe c'uno munsi kikaba catangaje benshi.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}