Zimbabwe: Abakuru mu gisirikare bagenywe mu bushikiranganji
Prezida mushasha wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa yagenye reta yiwe aho yagenye umusirikare mukuru kuba umuhanuzi mwishikira muri reta yiwe.
Umushikiranganji mushasha w'ikigega ca reta ni Sibusiso Moyo, umujenerale yatangaje ku mboneshakure y'ico gihugu ko igisirikare ari co kiramutswa igihugu.
Uwahoze atwara abasirikare bagwanira mu kirere Perence Shiri ashinzwe ubushikiranganji bw'uburimyi.
Umwe mu bakuru b'abatavuga rumwe na reta Tendai Biti yavuze ko impinduka zariko ziriginwa muri Zimbabwe zirangiye zitaranatangura.
Prezida Mnangagwa yashikirijwe ubutegetsi mu ndwi iheze, inyuma y'aho Robert Mugabe yari amaze imyaka 37 ku butegetsi atangiye imihoho.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}