Leta ya Cambodge yugaje ikinyamakuru
Ahavuye isanamu, AFP
Ikinyamakuru co muri Cambodge kizwi ko gikunda kunegura leta, kimenyesha ko casambuwe na leta kubera casabwe miriyoni zitandatu z'ama dorari y'ihadabu.
Amakuru y'iyugara ry'ikinyamakuru 'The Cambodia Daily' amenyekanye inyuma y'ifatwa ry'umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi Kem Sokha.
Umugambwe wa Kem Sokha vyari vyitezwe ko uronka amajwi menshi mu matora yo mu mwaka uza.
Ahavuye isanamu, The Cambodia Daily
Uwo mugambwe 'Cambodia National Rescue Party' uvuga ko ifatwa ry'umukuru wawo rishingiye ku ntumbero ya politike.
Ariko umugambwe w'umukuru wa Cambodge, Hun Sen, wagiriza Kem Sokha guhemukira mu kwifatanya n'abanyamahanga kukigirira nabi.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka
{{rankTranslation}}